Umukuru w'igisirikare ca Algeria yasavye ko umukuru w'igihugu Bouteflika akurwa

General Ahmed Gaid Salah (i buryo) na Prezida Abdelaziz Bouteflika(i bubanfu) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption General Ahmed Gaid Salah (i buryo) yatangaje benshi mu gihe yakorana vya hafi na bwana Bouteflika (i bubanfu)

Uwukuriye igisirikare c'igihugu ca Algeria yasavye ko umukuru w'igihugu Abdelaziz Bouteflika akurwa mu mabanga y'umukuru w'igihugu.

General Ahmed Gaid Salah, asanzwe ari icegera c'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, yasavye ko hakurikizwa itegeko ryo mw'ibwirizwa shingiro rya Algeria.

Iryo tegeko ryemera ko hatangazwa yuko ikibanza c'umukuru w'igihugu atawukirimwo mu gihe uwuri ku butegetsi akitswe n'amagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Bouteflika yatanguye mu kwezi guheze, atangaje ko azokwitoza mu kiringo kigira gatanu

Imyiyerekano yo kwiyamiriza uwo mukuru w'igihugu w'imyaka mirongo umunani n'ibiri yatanguye mu kwezi guheze amaze kumenyesha ko azokwitoza ikiringo kigira gatanu.

Imyiyerekano yarabandanije inyuma y'aho Bwana Buteflika ahinduriye akavuga ko azova ku butegetsi hamaze kugira ibihindurwa mw'ibwirizwa shingiro.

Ibindi bisa n’ibi