ONU ivuga ko igihuhusi Idai 'cishe umwimbu w’umwaka wose' muri Afrika y'ubumanuko

Abenshi mu basinzikajwe n'igihuhusi Idai ni abirimizi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abenshi mu basinzikajwe n'igihuhusi Idai ni abirimizi

Ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi, PAM, rivuga ko igihuhusi Idai cateye akarere ka Afrika y'ubumanuko haraciye iminsi cumi n'ibiri, cishe ibiterwa vyotunze abanyagihugu umwaka wose mu bice vy'ibihugu vya Mozambike, Malawi na Zimbabwe.

David Beasley arongoye iryo shirahamwe yabariye BBC ko abarimyi batakaje vyose, kandi ko hakenewe imfashanyo yihuta y'amahera kugira ngo bashobore guhangana n'ico kiza biboneka nkaho gishobora kumara igihe kirekire.

Igihuhusi Idai cabomoye amazu ibihumbi n'ibihumbi mu gihugu ca Mozambike, aho abantu barenga umuliyoni n'ibihumbi 800 bakeneye imfashanyo.

Mu gihe hari ubwoba ko hashobora kwaduka indwara z'ivyaduka zivuye ku mazi mabi, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryamenyesheje ko ryarungitse imiti hafi ibihumbi 900 yo gukingira kolera.

Vyitezwe ko iyo miti izoshika mu minsi icumi iri imbere.

Ishirahamwe ritabara imbabare kw'isi, Fédération Internationale de la Croix Rouge et du Croissant Rouge (IFRC), riherutse kumenyesha ko indwara ya kolera yatanguye kwibonekeza mu micungararo y'igisagara ca Beira mu gihugu ca Mozambike, igisagara casinzikajwe n'ico gihuhusi.

Igihuhusi Idai cashitse mu micungararo y'ico gisagara kibamwo abantu ibihumbi 500 ku wa 14 z'uku kwezi kwa gatatu, gifise umuvuduko w'ibirometero birenga 177 kw'isaha.