Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, 'agiye kugendera akarere ka Afrika y’ubumanuko'

Sirwo rugendo rwa mbere Papa Francis azoba agize muri Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sirwo rugendo rwa mbere Papa Francis azoba agize muri Afrika

Papa Francis agiye gugendera ibihugu vya Mozambike, Madagascar n'Izinga rya Maurice mu kwezi kw'icenda kw'uyu mwaka.

Ivyo bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP gisubiramwo ivyatangajwe n'ibiro vya Papa i Vaticano.

Umukuru w'igihugu ca Mozambike, Filipe Nyusi, yari yatumiye Papa Francis mu gihe yari mu rugendo i Vaticano mu mwaka uheze wa 2018.

Mu kumwishura, yavuze yifyinatira ko azokwitaba ubutumire ati "ni naba nkiri muzima".

Mu mwaka wa 2015, Papa Francis yaragendeye ibihugu vya Kenya, Uganda Republika ya Afrika yo hagati (Republique Centra Africaine).

Mu mwaka wa 2017, yari yagize urugendo mu gihugu ca Misiri, mu mpera za kuno kwezi naho akaba yitezwe muri Maroc.

Ibindi bisa n’ibi