Icigwa gishasha cerekana ko '25% vy'ababa mu karere kugarijwe na Ebola muri Kongo batemera ko ibaho'

Ebola imaze guhitana abantu barenga 600 mu buseruko bwa Kongo
Image caption Ebola imaze guhitana abantu barenga 600 mu buseruko bwa Kongo

Icigwa giheruka gutangazwa ku ndwara ya Ebola mu mu gihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo cerekana ko ica kane c'abanyagihugu baba mu bisagara vya Beni na Butembo vyatewe n'ikiza ca Ebola batemera ko indwara ibaho, mu gihe abandi nabo bacinuba abaganga.

Dr Patrick Vinck wo kw'ishure kaminuza rya Havard muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ari mu bakoze ico cigwa, yabwiye umunyamakuru James Copnall wo mu kiganiro Newsday ca BBC ko hari ibihuha vyinshi bikwiragizwa mu banyagihugu, bigatuma binuba abo baganga.

Avuga kandi ko abanyagihugu bagiriza abo baganga ko bakorera leta, bakaba ari bo bakwiragiza ico kiza, ko kandi bakora bagerageza kubifatira mu minwe.

Muganga Vinck amenyesha kandi ko abo baganga bagirizwa kugira uruhara mu kubuza abanyagihugu kuja gutora mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka muri Kongo.

Avuga ko hari abantu badashaka kuja kwa muganga mu gihe barwaye, canke bakanka kumenyesha umuntu bumvise canke bazi ko afise ibimenyetso vya Ebola.

Avuga ati : "Ntibashaka ko bimenyekana, kandi ntibashaka no kuja kwivuza".

Muganga Vinck avuga ko hari intambwe nini cane yatewe mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Ebola ufatiye ku biharuro vy'abo gihitana, n'abo cahitana muri kahise.

Ico cigwa catangajwe mu kinyamakuru The Lancet Infectious Diseases journal kimenyesha ko abanyagihugu batizeye abategetsi kubera intambara bamazemwo imyaka myinshi be n'ubutegetsi bubi, ico kikaba kimwe mu bituma ico kiza kibandanya.

Muganga Vinck avuga ko urucanco ruriko rurageragezwa muri ico gihugu ari intambwe ikomeye mu buryo bwo kurwanya ikiza ca Ebola, ariko ko hari ico bibagiye mu gutegura urwo rucanco.

Avuga ko mu nteguro y'urwo rucanco bibagiye kwihweza neza ingene abanyagihugu bazorwakira.

Avuga ko gushika ubu bigoye gukora isekeza rinini ry'ugucandaga kubera hari ibintu abanyagihugu badatahura, mu gihe kandi bazi ko bashobora kwandura iyo ndwara bagiye kwivuza canke gufasha umurwayi.

Mu buseruko bw'ico gihugu, abantu barenga 600 baramaze guhitanwa n'ico kiza kuva mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze, mu gihe abandi barenga igihumbi bandukijwe.

Ariko benshi baranka gufata imiti bakanagerageza kunyegeza ibimenyetso vy'iyo ndwara.