Michel Bacos yari umudereva w’indege yanyururijwe i Entebbe mu 1976 yapfuye

Michel Bacos yabwiye abakozi bari kumwe ko bategerezwa kugumana n'ingenzi gushika biheze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Michel Bacos yabwiye abakozi bari kumwe ko bategerezwa kugumana n'ingenzi gushika biheze

Michel Bacos, umudereva w'indege y'ikompanyi Air France yashimagijwe nk'incungu kubera yanse guta ingenzi yari atwaye igihe iyo ndege yanyuruzwa mu mwaka wa 1976, yasandavye afise imyaka 95 y'amavuka.

Iyo ndege yari itwaye ingenzi hafi 260 ibakuye mu gisagara ca Tel Aviv muri Israyeli ibatwaye i Paris mu Bufaransa.

Mu gihe yari yahagaze mu gisagara ca Athene mu Bugiriki, abarwanyi bakomoka muri Palestine n'Ubudagi barinjiye bayitegeka gufata iyindi nzira.

Iryo nyuruzwa ryaheze haciye iminsi itandatu ku kibuga c'indege ca Entebbe muri Uganda, igihe abasirikare karuhariwe b'abanyaisrayeli (Commandos) bakora igitero kuri ico kibuga mu ntumbero yo kurokora izo ngenzi.

Bacos yasandabiye mu gisagara ca Nice mu gihugu c'Ubufaransa.

Mu gihe yahabwa agashimwe gasumba ubundi gahabwa abasivire mu mwaka wa 2016, bita Légion d'Honneur, yabwiye BBC ko we nk'umudereva mukuru "ntivyari kunshobokera ko mpeba abo nari ntwaye, ntivyashoboka ".

Umwe mu barokotse ico gitero yari muto muri bose, Benny Davidson, yavuze ko Bacos yabaye akarorero keza kandi akaba ari we yaseruka kw'izina ry'abari banyurujwe.

Umukuru w'igisagara ca Nice, Christian Estrosi, yavuze ati: "Michel yari incungu. Mu kurya umutima amenyo akanka kwemera ubwo bunyamaswa n'urwanko rw'abayahudi, yarateye iteka Ubufaransa".

Habaye iki kuri iyo ndege ya Air France?

Ivuye mu gisagara ca Athene kw'igenekerezo rya 27 z'ukwezi kwa gatandatu mu mwaka wa 1976, iyo ndege yarafashwe n'abaywanyi b'umuhari Front Populaire pour la Libération de la Palestine warwanira agateka k'Abanyepalestine hamwe n'abarwanyi babiri b'abadagi barwana mu muhari witwa Cellules révolutionnaires.

Baciye bategeka Bacos n'abo bari bafatanije gufata inzira igana mu gisagara ca Benghazi mu gihugu ca Libya.

Bamaze kuyuzuza igitoro, indege yaciye ijanwa ku kibuga c'indege ca Entebbe muri Uganda, aho abo bari bayinyuruje bagiye guhurira n'abandi banyepalestina bashika batatu hamwe n'abasirikare ba Uganda.

Umukuru w'igihugu ca Uganda w'ico gihe, Idi Amin, yari ku kibuga c'indege arindiriye kwakira abo bari banyuruje iyo ndege. Ico gihe basaba ko abarwanyi babo 54 barekurwa, be n'imiliyoni zitanu z'amadolari.

Ingenzi zahavuye zishirwa mu mirwi ibiri. Abatari Abanyaisrayeli bajanwe i Paris, mu gihe abandi 94 b'Abanyaisrayeli bagumye banyurujwe.

Hambavu y'izo ngenzi zari zanyurujwe, hari n'abakozi b'iyo ndege 12.

Bacos yabwiye BBC ati : « Nabwiye abakozi twari kumwe ko dutegerezwa kugumamwo gushika biheze, kuko yariyo kamere yacu, kuri ivyo ntitwemera kurekurwa. Abo twari dufatanije akazi bose baremeye ata n'umwe avuyemwo ».

Benny Davidson avuga ko iyo ngingo y'ico gihe "yari ingingo yo ku rwego rwo hejuru".

Yabwiye BBC ati : "Kwemera kugumana natwe be no kubwira abo bari bafatanije ati 'nafashe ingingo kubwa jewe jenyene kandi mushobora guhitamwo ico mushaka', kwari ukurinda. Abo bari bafatanije bose baragumanye gushika ku munota wa nyuma".

"Igihe cose hari ikintu umuntu yaba akeneye, yaca aseruka kw'izina ry'izo ngenzi zari zanyurujwe akagishikiriza bene kunyuruza indege canke abategetsi ba Uganda".

Abasirikare karuhariwe b'abanyaisrayeli bahavuye bagira igitero kw'igenekerezo rya 3 z'ukwezi kw'indwi uyo mwaka.

Babiri mubari banyurujwe nibo basize ubuzima muri ico gitero co kurokora ubuzima bw'izo ngenzi.

Michel Bacos yamenyesheje ko abo bari banyuruje iyo ndege barashe bakica umwe muri abo basirikare ba Israyeli yagize gatatu mu basize ubuzima muri ico gitero.

Bwana Davidson avuga ko uko kurinda kw'uyo mudereva vyabereye akarorero keza abana bose bari muri iyo ndege yari yanyurujwe.

"Yabaye akarorero keza kandi anatwereka ingene twokwigenza n'aho umuriro udahera woba wadushitsemwo".