Umuryango w'Umunyarwanda yaguye mw’isanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines yitwariye Boeing

Hari imiryango itarashobora kuronswa ibisigarira vy'ababo baguye kuri iryo sanganya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari imiryango itarashobora kuronswa ibisigarira vy'ababo baguye kuri iryo sanganya

Umuryango w'umwe mu baburiye ababo mw'isanganya ry'indege y'ikompanyi Ethiopian Airlines mu kwezi guheze yitwariye ikompanyi Boeing rikora indege muri sentare yo mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuryango wa Jackson Musoni akomoka mu gihugu c'u Rwanda witwaye uvuga ko indege Boeing 737 Max 8 yari ifise ingorane mu buryo bwo kugendesha iyo ndege.

Ikompanyi Boeing yo mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntaco irashikiriza kuri urwo rubanza rwugurujwe.

Iyo ndege Boeing 737 Max 8 y'ikompanyi Ethiopian Airlines yagize isanganya ku wa 10 z'uku kwezi kwa gatatu mu gihe yariko igana i Nairobi muri Kenya ivuye ku mugwa mukuru Addis-Abeba w'igihugu ca Ethiopia.

Abantu 157 bagizwe n'ingenzi 149 n'abakozi umunani bari muri yo nta n'umwe yarokotse.

Ryari isanganya rigira kabiri mu mezi atarenga atanu, inyuma y'irindi ry'ikompanyi Lion's Air ryo mu gihugu ca Indonesia ryabaye mu kwezi kw'icumi kw'umwaka uheze wa 2018 rigahitana abantu 188.

Ibihugu bitari bike vyari bisanzwe bikoresha indege zo muri ubwo bwoko vyarahagaritse ingendo z'izo ndege, eka n'ikompanyi Boeing nayo nyene ikaba yahavuye ifata ingingo yo guhagarika izo ndege zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max. Imbere y'aho yaguma imenyesha ko ata ngorane iyo ndege ifise.

Mu gihe abashakashatsi batarashobora kumenyesha ivyatumye izo ndege zibiri zigira ayo masanganya, bivugwa ko afitaniye isano, ikompanyi Boeing yaratangaje ku munsi wa gatatu w'iyi ndwi impinduka yakoze ku vyuma vyo kugenzura indege zo muri bwoko bwa 737 Max.