Leta ya Afrika y’Epfo yakoranije abaserukira ibihugu vya Afrika ku bitero vyagizwe ku banyamahanga

Umugabo wo muri Mozambique ariko arahohoterwa mu karere ka Alexandra mu myiyerekano yo kwiyamiriza abanyamahanga muri Afrika y'epfo mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Guhohotera abanyamahanga muri Afrika y'epfo si ibintu bishasha

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Afrika y'Epfo, Lindiwe Sisulu, yakoranije inama n'abaserukira ibihugu vya Afrika muri ico gihugu kuri uyu wa mbere inyuma y'ibitero biherutse ku banyamahanga mu gisagara ca Durban.

Iyo nama itunganijwe inyuma y'uko abanyamahanga batari bake - abenshi bava mu gihugu ca Malawi - birukaniwe mu mazu yabo n'abanyagihugu bagumutse, n'amabutike yabo agasahurwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y'iyo nama, umupfasoni Sisulu yamenyesheje ko bazosubira gukorana ku munsi wa gatanu w'iyi ndwi kugira ngo bihweze ingene ibintu bizoba bimeze.

Avuga ko bakeneye kuronka amakuru akwiye ku vyabaye.

Arahumuriza abimukira b'abanyafrika ko igihugu kizobakingira.

Yavuze ati: "Dusubiramwo ivyo umukuru w'igihugu yavuze, ko ivyabaye mu ndwi iheze ari ubukozi bw'ikibi ku makuru dufise".

Vyagenze gute?

Ivyo bitero vyatanguye mw'ijoro ryo ku munsi wa Mungu ushira umunsi wa mbere w'indwi iheze, aho akarwi k'abantu bashika 100 katera amabutike matomato basahura ibiri muri yo bongera bayaturira.

Abantu batatu nibo bahazise ubuzima abandi nabo bahungira ku kirindiro c'abapolisi be no mu mugisiti.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lindiwe Sisulu avuga ko ibitero ku mabutike y'abanyamahanga bidashobora kwihanganirwa

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yariyamirije ivyo bitero ku banyamahanga yongera asaba n'inzego zijejwe umutekano guhagarika ababikoze.

Yavuze ko ubwo bukozi bw'ikibi bwagiriwe cane cane Abanyamalawi n'abandi banyamahanga bo mu bindi bihugu vya Afrika mu gisagara ca Durban kiri mu ntara ya KwaZulu-Natal bubabaje, "cane cane mu gihe buca twinjira mu kwezi kwahariwe ukwikukira (Freedom Month), twibuka imyaka 25 ihaciye habaye amatora ya mbere ya demokrasi".

Yavuze ati: "Ubutunzi bw'igihugu bufise inyungu nyishi mu migenderanire dufitaniye n'ibihugu bigenzi ku mugabane wacu kandi hari abantu benshi bava muri ivyo bihugu bigenzi baba hano muri Afrika y'Epfo aho bafasha bikomeye mw'iterambere ry'igihugu cacu".

"Uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu hagati y'ibihugu, nivyo bifasha mw'iterambere rya Afrika. Ntituzokwemera ko inkozi z'ibibi zidusubiza inyuma".

Ubushomeri

Ubushomeri muri ico gihugu ca Afrika y'Epfo bugeze ku bice 27 kw'ijana, abanyagihugu bakagiriza abanyamahanga ko bagiye kubanyaga ubuzi bwabo.

Umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi, Julius Malema, ariyamiriza ivyo bitero bikorwa ku banyamahanga muri ico gisagara ca Durban.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uyo mu nya Malawi ari mu batewe birukanwa mu mazu yabo

Yabwiye abanywanyi biwe ati: "Nta banyamahanga bivye ubuzi bwanyu. Iyo vyabananiye, ntaco muta impfane ku bandi bantu".

Bwana Malema - arongoye umugambwe Economic Freedom Fighters (EFF) - yariyamirije bikomeye urwanko ku banyamahanga mu gihe yari mu myiyamamazo mu ntara za North-West na Free State, imbere y'amatora yimirije ku kwezi kwa gatanu kw'uno mwaka.

Yavuze ati: "Ndazi ko muha abanyamahanga amazina y'agakengere, ariko ni abanya Afrika nkamwe. Dukeneye ubumwe kuva Cape gushika i Cairo, kuva muri Maroc gushika muri Madagascar".

Ibitero ku banyamahanga si inkuru nshasha muri ico gihugu ca Afrika y'Epfo.

Mu mwaka wa 2015, imigumuko yabaye mu bisagara vya Johannesburg na Durban yahitanye abantu indwi mu gihe abanyamahanga baterwa n'imirwi y'inkozi z'ikibi.

Imbere y'aho mu mwaka wa 2008, abantu barenga 60 barishwe muri ico gihugu mu bitero vyakozwe ku banyamahanga.

Ibindi bisa n’ibi