OMS imenyesha ko ikiza ca Ebola 'kiriko gikwiragira ku muvuduko munini cane utari bwabeho muri Kongo'

Ibisagara vya Beni na Butembo muri Kongo birahanzwe n'ikiza ca Ebola Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abaganga batwaye umurwayi yari amaze kwemezwa ko atarwaye Ebola, ku kigo kivurirwamwo Ebola i Butembo mu kwezi kwa cumi na kumwe mu mwaka uheze wa 2018

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo amajambo y'umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS, avuga ko ikiza ca Ebola mu gihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo kiriko gikwiragira ku muvuduko munini cane utaribwabeho kuva cadutse, haraciye amezi umunani.

Christian Lindmeier avuga ko abantu 72 ari bo banduye iyo ndwara mu ndwi iheze, igitigiri kinini gusumba ico mu ndwi yaheruka cangana na 57.

Bwana Lindmeier yabwiye Reuters ati: "Abantu bariko barandura iyo ndwara mu gihe badafise uburyo bwo gushika aho bashobora gufashwa".

Iki kiza co muri iki gihe - ku ncuro ya 10 mu mateka ya Kongo - kimaze guhitana abantu barenga 600, kikaba kimaze kwandukira abandi barenga 1000.

Hari icigwa giherutse gutangazwa kuri iyo ndwara cerekana ko ica kane c'abanyagihugu baba mu bisagara vya Beni na Butembo vyatewe n'ikiza ca Ebola muri ico gihugu batemera ko indwara ibaho, mu gihe abandi nabo bacinuba abaganga.