Amashure y'i Denver muri Amerika yugaye mu gihe FBI ihiga umugore 'abangamiye umutekano w'abanyagihugu'

Amashure yo mu karere ka Jefferson yarugawe mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze inyuma y'ico gitero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Amashure yo mu karere ka Jefferson yarugawe mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze inyuma y'ico gitero

Amashure yo mu gisagara ca Denver co muri leta ya Colorado arugarwa kuri uno munsi wa gatatu mu gihe abategetsi bariko bahiga umugore "abangamiye cane umutekano".

Sol Pais w'imyaka 18 y'amavuko, avugwa ko yishimiye ubwicanyi bwabereye kw'ishure rikuru rya Columbine mu mwaka wa 1999, aho imisore ibiri yagandaguye abanyeshure 12 n'umwigisha.

Ico gitero kizokwibuka kw'igenekerezo rya 20 z'uku kwezi kwa kane.

Dean Phillips akora mu kigo FBI kijejwe igendereza mu gihugu ca Amerika, yabwiye abanyamakuru ko uyo mugore Pais "azwi neza ko abangamiye umutekano w'abanyagihugu".

Ku munsi wa kabiri, abategetsi baragabishije amashure yose yo mu gisagara ca Denver, uburere butari buke, harimwo n'uburere bwa Cherry Creek, Mapleton na Jefferson, bukaba bwaciye buyugara.

Amashure ya Jefferson yanditse ku rubuga hwaniro rwa Twitter ati: "Amashure yose n'ibikorwa vyose birugaye kuri uno munsi - ntihagire abakozi batonda". Amenyesha ko ari ingingo yafashwe bari "kumwe n'ayandi mashure yo mu bundi burere bwa Denver".

Imbere y'aho, ibiro bijejwe amahoro n'umutekano mu karere ka Jefferson vyari vyatangaje amasanamu y'uyo mugore ku rubuga rwa Twitter.

Avugwa ko ari umugore w'umuzungukazi afise imyaka 18 y'amavuko ava muri leta ya Florida, bakaba baheruka kumubona yambaye impuzu z'ukwiyoberanye zigizwe n'ipantaro, agapira kirabura n'ibirato vyirabura.

Ubutumwa bwo kuri urwo rubuga rwa Twitter buvuga buti: "Atunze ikirwanisho kandi afatwa ko abangamiye cane umutekano".

Abakozi b'ikigo FBI muri leta ya Miami bagabishije bagenzi babo bo muri Cololado inyuma y'aho Pais yinjiriye muri iyo leta.

N'aho ata cerekana ko abangamiye amashure, Bwana Phillips avuga ko ivyo yanditse vyamutumye abonwank'umuntu abangamiye umutekano.

Avuga ko uyo mugore ata caha arigera yagirizwa, ariko ko igihambaye ari uko bamutora.

Ivyabaye mu bwicanyi bwa Columbine

  • Bwabaye kw'igenekerezo rya 20 z'ukwezi kwa kane mu mwaka wa 1999 kw'ishure rikuru rya Columbine
  • Eric Harris na Dylan Klebold bishe abanyeshure 12 n'umwigisha imbere y'uko biyica
  • Ico gihe nibwo bwari bubaye ubwicanyi bwa mbere bukomeye bubereye kw'ishure rikuru muri kahise ka Amerika
  • Michael Moore yaciye akora ireresi yise Bowling for Columbine kuri ubwo bwicanyi.