Mohamed Salah yatowe n’ikinyamakuru Time nk’umwe mu bantu ijana bakomeye gusumba abandi kw’isi

Mohamed Salah Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Salah yinjiye mu murwi wa Liverpool mu mwaka wa 2017 avuye mu murwi wa Roma wo mu Butaliyano

Umusatirizi w'umurwi wa Liverpool, Mohamed Salah, avuga ko abagabo mu mico y'igihugu ciwe no mu karere k'uburasirazuba bwo hagati bakeneye kwubahiriza abakenyezi gusumba.

Ivyo yabivuze inyuma y'aho atorewe n'ikinyamakuru Time nk'umwe mu bantu ijana bakomeye gusumba abandi kw'isi.

Uyo musatirizi w'imyaka 26 akomoka mu gihugu ca Misiri akaba kandi n'umunywanyi w'idini rya Isilamu yari umwe mu bantu batandatu bashizwe ku gipfukisho c'ico kinyamakuru, akaba yaciye aboneraho akaryo ko gushikiriza ico yiyumvira ku bijanye n'agateka k'abakenyezi.

Yabwiye ikinyamakuru Time ati: "Mu mico yacu, dukeneye guhindura ingene dufata abakenyezi".

"Niko bitegerezwa kugenda, si ibintu vyo gukora ubishatse".

Yongeyeko ati: "Ndashigikiye umukenyezi gusumba uko nari meze ubwa mbere, kuko numva ko akeneye guhabwa agaciro gusumba uko bimeze ubu".

Salah yashizwe kuri urwo rutonde ahurirako n'abaririmvyi Ariana Grande na Lady Gaga, Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, umushikiranganji wa mbere wa Pakistani yahoze kandi ari umukinyi wa cricket Imran Khan, uwatanguje urubuga rwa Facebook Mark Zuckerberg hamwe n'umutambukanyi w'uwahora ari umukuru w'igihugu ca Amerika Michelle Obama.

Bashizwe mu mirwi itandukanye ufatiye ku batanguje ibintu bikomeye, abagira utugenegene, abategetsi, hamwe n'abandi bafatirwako akarorero kubera ico bamaze mu gihugu, Salah akaba ari muri uwo murwi wa nyuma.

Umwongereza John Oliver, umukunzi wa Liverpool kuva kera, akaba kandi asanzwe akora ikiganiro c'ugutwenza citwa Last Week Tonight gica kuri televiziyo yitwa Home Box Office (HBO) muri Amerika, yanditse inkuru kuri Salah.

Yanditse ati: "Mo Salah ni ikiremwamuntu ciza gusumba uko ari nk'umukinyi w'umupira".

"Ni umwe mu bakinyi bakomeye kw'isi".

"Mo Salah ni umuntu akomeye ku banyagihugu ba Misiri no muba Isilamu kw'isi yose, akaba kandi n'umuntu yitonda, yiyumvira kandi atwenza, ariko ivyo vyose akabifata nk'ibisanzwe".

Salah yinjiye mu murwi wa Liverpool mu mwaka wa 2017 avuye mu murwi wa Roma wo mu Butaliyano, akaba yinjije ibitsindo 44 mu mwaka wa mbere w'ihiganwa.

Mw'ihiganwa ry'uno mwaka, amaze kwinjiza ibitsindo 19 mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu gihugu c'Ubwongereza, aho umurwi wa Liverpool uriko urwanira ikibanza ca mbere uherukamwo kuva mu mwaka wa 1990.

Salah ni umwe mu bakinyi mpuzamakungu bashizwe kuri urwo rutonde hampande ya Caster Semenya amaze gutwara ikibanza ca mbere kabiri yikurikiranya mu nkino za Olypimpic, be na Naomi Osaka, umukinyi wa mbere kw'isi mu rukino rwa tennis mu bagore.