Iyicwa rya Patrick Karegeya rishizwe mu rubanza muri Afrika y'epfo

Patrick Karegeya
Image caption Sentare muri Afrika y'epfo vyitezwe ko itangura kuburanya abagandaguye Patrick Karegeya

Umucamanza muri Afrika y'epfo yarungitse muri sentare y'igihugu dosiye y'iyicwa rya Patrick Karegeya, yahoze ari umukuru w'urwego rujejwe iperereza mu Rwanda, yagandaguwe mu 2013.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko kujanwa mu rubanza kw'iyi dosiye, bishobora kutagwa neza umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Paul Kagame, kubera ibizohavugirwa.

Patrick Karegeya yari afise imyaka 53 igihe bamusanga yanizwe itariki imwe z'ukwa mbere 2014, mw'ihoteri izimvye mu muji wa Johannesburg.

Uwo mugabo yahoze ari umwizerwa wa Bwana Kagame, yahunze igihugu ciwe mu 2007 nyuma yo gushwana na shebuja.

Sentare ya Afrika y'epfo gushika ubu ntaco yari bwakore kuri iyo dosiye ariko, bisabwe n'umuryango w'umuhisi, ubutungane bwafashe ingingo yo gusubira kuyugurura.

"Abamwishe bakorana n'u Rwanda"

Mu kwumvirizwa kwabaye kuri uno wa kane, umucambanza yazanye icabona c'umupolisi yari ajejwe itohoza haciye imyaka itanu, Lieutenant-Colonel Kwena Mothlamme, yemeje ko abakekwa kwica Bwana Karegeya bamenyekanye abo aribo.

Yagize ati: "Amatohoza yacu yerekanye ko abakekwa gukora ubwo bwicanyi baciye bava muri Afrika y'epfo ubwo nyene nyuma yo gukora iryo bara."

Yongeyeko ati "abo bantu bakorana vya hafi cane na leta ya Republika y'u Rwanda."

Uwo mupolisi kandi yamenyesheje ko ukwo gukorana kwa hafi kwemejwe mu nama nshingamateka ya Afrika y'epfo kandi bica biteza mu 2014 "uruhagarara hagati ya Afrika y'epfo n'u Rwanda", rwaranzwe n'iyirukanwa ry'abaserukiye ivyo bihugu vyombi.

Yogenyeko ati: "Kubera ata masezerano yo guhanahana abanyavyaha ariho (hagati y'ibihugu vyombi), ukugerageza kwacu kwo kumenya aho abakekwa baherereye ntaco kwashitseko."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakekwa kwica Patrick Karegeya bivugwa ko bakorana vya hafi n'ubutegetsi bwa Prezida Paul Kagame

Hakurikijwe izindi mpapuro zagaragaye mu kwumvirizwa kwabanjirije mu kwezi kwa mbere, sentare ya Afrika y'epfo nayo yari yerekanye "ugukorana kwa hafi" hamwe n'ubutegetsi bwa Kagame.

Kubera izo mvo, umucamanza Mashiyane Mathopa yasozereye avuga ko abakekwa kwica Bwana Karegeya "bazwi" aca ashikiriza iyo dosiye sentare kugira igire ico ivuga kuri ako karyo ko kubaburanya.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Kennedy Gihana yunganira umuryango wa Karageya, yavuze uko bakiriye iyo ngingo

Umwe mu bunganira mu mategeko umuryango wa Karegeya, Gerrie Nel, yagize ati: "Sentare nitatangura gukurikirana iyi dosiye bizoba bisigura yuko Afrika y'epfo yahindutse icibare c'abicanyi. Turizera yuko sentare izokwubahiriza inshingano ihabwa n'amategeko."

U Rwanda rwamye ruhakana

Leta y'u Rwanda ariko yamye ihakana kugira uruhara na rumwe mw'iyicwa rya Patrick Karegeya.

Bwana Karegeya ari mu bategetsi bazwi cane mu butegetsi bw'u Rwanda bagabweko ibitero.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rivuga ko abandi bategetsi "benshi" bari begeranye na Paul Kagame "batumberejwe n'ibitero hamwe no guterwa ubwoba muri iyi myaka iheze, naho leta y'u Rwanda ibihakana yivuye inyuma."

Ibindi bisa n’ibi