Abanywanyi b'umugambwe CNL wa Agathon Rwasa mu Burundi ngo barafatwa

Abanywanyi b'umugambwe CNL wa Agathon Rwasa mu Burundi ngo barafatwa

Umugambwe utavuga rumwe na leta y'u Burundi, CNL, uvuga ko abanywanyi bawo bashika kw'ijana bamaze gufatwa hirya no hino mu gihugu.

Uwo mugambwe uvuga ko bamwe bafatwa n'urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, ruzwi nk'Imbonerakure, abandi bagafatwa n'inzego z'umutekano.

Agathon Rwasa yahoze ari umukuru w'umugambwe FNL, yashinze umugambwe mushasha amaze gukurwa mu burungozi bwa FNL.

Prudent Nsengiyumva yavuganye n'umuvugizi wa CNL, Aime Magera, atangura amubwira abamaze gufatwa uko bangana mu kiganiro ushobora kwumva aho hejuru.

BBC yagerageje kumenya ico CNDD FDD hamwe n'igipolisi babivugako ariko nyivyadukundiye.

Urashobora kwumviriza kandi ibi: