Umukozi w’ishirahamwe OMS yishwe mu gitero cakozwe ku kigo co gupima Ebola i Butembo muri Kongo

Ebola imaze guhitana abantu barenga 600 mu buseruko bwa Kongo
Image caption Ebola imaze guhitana abantu barenga 600 mu buseruko bwa Kongo

Umukozi w'ishirahamwe OMS yishwe arashwe mu gitero cakozwe ku kigo co gupima indwara ya Ebola mu gisagara ca Butembo, kamwe mu burere buhanzwe n'ico kiza mu buseruko bwa Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo.

Ababibonye bavuga ko abantu batatu bitwaje inkoho bateye ejo ku munsi wa gatanu ico kigo kiri kw'ishure kaminuza y'ubuvuzi mu gisagara ca Butembo.

Muganga Richard Valery Mouzoko Kiboung, umukozi wo mw'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS, akomoka mu gihugu ca Kameruni niwe yishwe, hakaba n'abandi bakometerse.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye baturiye kandi n'imodokari imbere y'uko bahunga.

Ico kibaye igitero kigira gatatu ku kigo ca Ebola muri ako karere kuva mu kwezi guheze.

Ibigo vyo gupima Ebola vyarashinzwe ku bitaro vyose vyo muri ico gisagara kugira ngo bashobore gukurikirana umuntu uw'ari we wese yiketswe ko yoba afise umugera w'iyo ndwara.

Icigwa giheruka gutangazwa ku ndwara ya Ebola muri ico gihugu ca Kongo cerekana ko ica kane c'abanyagihugu baba mu bisagara vya Beni na Butembo vyatewe n'ikiza ca Ebola batemera ko indwara ibaho, mu gihe abandi nabo bacinuba abaganga.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ico gihugu ari kumwe n'abagiraneza yaratanguye ibiganiro bihuza abanyagihugu mu ntumbero yo kurwanya uko kkwinubana.

Ico kiza ca Ebola catanguye kwibonekeza mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze wa 2018, kikaba kimaze guhitana ubuzima bw'abantu barenga 800.