Donald Trump wa Amerika yavuganye na Jenerali Haftar arwanya ubutegetsi bwa Libya

Igisirikare c'igihugu kiriko gitana mu mitwe n'ingabo za Jenerali Haftar mu bumanuko bwa Tripoli

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Igisirikare c'igihugu kiriko gitana mu mitwe n'ingabo za Jenerali Haftar mu bumanuko bwa Tripoli

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, White House, bimenyesha ko Perezida Trump w'ico gihugu yavuganye kuri telephone na Jenerali Khalifa Haftar arongoye ingabo zirwanya ubutegetsi bwa Libya ubu ziriko zirwanira ku mugwa mukuru Tripoli.

Muri ico kiganiro yagiranye nawe kuri telephone ku munsi wa mbere w'iyi ndwi, Bwana Trump yarashigikiye Jenerali Haftar kuvyo yise utwigoro tw'ukurwanya iterabwoba, banavugana no kuri kazoza ka Libya be n'igenzurwa ry'ibitoro.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika vyamenyesheje ko abo bategetsi bompi "bavuganye ku biraba ingene muri Libya honshingwa ubutegetsi nyabwo bushingiye ku ntwaro rusangi".

Umunyamakuru wa BBC Alan Johnston mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, avuga ko ico kiganiro cerekana ko Amerika ishigikiye Jenerali Haftar, ikamubona nk'umuntu ashoboye kugarukana ubumwe muri ico gihugu, akagisubiza ku murongo.

Ariko uyo munyamakuru yongera ko y'uko abarwanya Jenerali Haftar bavuga ko ashobora gutwaza umukazo ku rugero runini.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters naryo ryasubiyemwo Jalel Harchaoui wo mu kigo Clingendael Institute kiri i La Haye mu Buholande avuga ko Trump ico kiganiro cerekana ko Bwana Trump ashigikiye Jenerali Haftar, kandi ko bishoboka ko hari igihugu nka Misiri coba kimufasha mu vya gisirikare.

Amerika be n'Uburusiya vyaranse gushigikira urwandiko rwari rwateguwe n'igihugu c'Ubwongereza mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, rwasaba abahanganye muri Libya ko bohagarika intambara.

Reuters imenyesha ko Uburusiya bwiyamirije amajambo yarimwo yagiriza Jenerali Haftar guhungabanya umtekano, ariko Amerika yoyo ikaba itamenyesheje igituma yanse gushigikira urwo rwandiko.

Abantu barenga 200 baramaze guhitanwa n'izo ntambara zimaze indwi zitatu zitanguye.

Ku munsi wa kane, umushikiranganji wa mbere wa Libya, Fayez al-Serraj asanzwe ashigikiwe n'ishirahamwe ONU, yariyamirije "ukwihoza" kw'incuti za Libya ku gitero ca Jenerali Haftar.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Kw'igenekerezo rya 04 z'uku kwezi ingabo za Jenerali Haftar zitanguye igitero kugira zifate umugwa mukuru Tripoli

Jenerali Haftar yari asanzwe ashigikiwe n'ibihugu vya Emirats Arabes Unis hamwe na Misiri, akaba kandi yaranagendeye igihugu ca Arabia Saoudite imbere y'uko agira igitero ku mugwa mukuru Tripoli.

Leta y'ico gihugu ishigikiwe na ONU iragiriza kandi Ubufaransa ko gishigikiye Jenerali Haftar, ivyo ico gihugu cahakanye.

Libya irangwamwo intambara n'indyane za politike kuva aho Muammar Gaddafi yari ayirongoye akuriwe ku butegetsi akicwa, inyuma y'imyaka itari mike yari amaze ku butegetsi.

Haciye indwi zitatu izo ntambara zisubiye kwaduka, igihe ingabo za Jenerali Haftar zisanzwe zicumbitse mu buseruko bwa Libya zikoreye igitero bwana Serraj avuga ko cari gifise intumbero y'ugutembagaza ubutegetsi.

Ingabo za Jenerali Haftar zikaba zisugereje umugwa mukuru Tripoli ziciye mu bice vyose, zikamenyesha ko zamaze kwigarurira ikibuga c'indege mpuzamakungu kiri kuri uwo mugwa mukuru.