Mu rubanza rw'ugufuba uwahoze ari perezida wa Peru yiyishe, umukobwa wiwe yasomye ubutumwa yasize

Alan García yagirizwa ko yahawe igiturire n'ikompanyi Odebrecht
Image caption Alan García yagirizwa ko yahawe igiturire n'ikompanyi Odebrecht

Abantu ibihumbi n'ibihumbi nibo bitavye urubanza rwo gufuba uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Peru, Alan García, yapfuye yiyahuye hagti mw'iyi ndwi.

Bwana García yirashe urusasu mu mutwe igihe igipolisi cadodora iwe kije kumufata kimwagiriza ko yariye ibiturire vy'ikompanyi Odebrecht yo mu gihugu ca Brezili.

Umukobwa wiwe yasomye ivyari muri urwo rwandiko mu birori vyo kumufuba.

Muri urwo rwandiko, Bwana García yavuze ko atari kwemera "akarenganyo" ko gufatwa yagirizwa ibiturire.

Abagenzi, incuti n'abategetsi ba politike batandukanye basezeye mu cubahiro ubwa nyuma Bwana García ku cicaro c'umugambwe wiwe APRA, umwe mu migambwe imaze igihe kirekire cane mu karere ka Amerika y'Epfo.

Muri ivyo birori vy'ukumushingura, abatari bake berekanye agashavu bafitiye umukuru w'ico gihugu Martín Vizcarra, aho bamwe bavuza induru bavuga ngo: "Vizcarra ni umwicanyi", bashaka kwerekana ko urubanza rwa Bwana García rwatumwe n'imvo za politike.

Abantu bashika umunani nibo bapfuye bagiye ku maziko yiwe, mw'isanganya ry'imodokari yari ibatwaye isetse ikiraro.

Muri urwo rwandiko harimwo iki

Mu mwanya w'ivyo birori, umukobwa w'uyo yahoze ari umukuru w'igihugu, Luciana García Nores, yasomye urwandiko se wiwe yanditse imbere y'uko yiyica.

Itororokanirizo ry'amakuru Efe ryasubiyemwo ibiri muri urwo rwandiko riti: "Nabonye ingene abandi batewe amapingu bagerageza kwisigura kugira ngo barabe ko bobandanya babaho, ariko Alan García ntashobora kwemera ako karenganyo".

"Kuri iyo mvo, nsigiye abana banje iteka ry'ingingo zanje; ku bagenzi banje, ikimenyetso c'umunezero. Ikiziga canje naco kibe ikimenyetso c'agasuzuguro kubo twari duhanganye kuko nashoboye kurangura imigambi jewe nyene nari nihaye".

"Kubo tuvanye mw'iteka, Imana ikingire imitima myiza n'abitonda".

Ivyo Bwana García yagirizwa

Abariko bakora amatohoza bagiriza Bwana García ko yahawe igiturire n'ikompanyi Odebrecht mu mugambi w'ukwubaka ibarabara ry'indarayi ku mugwa mukuru, mu gihe c'ikiringo kigira kabiri c'ubutegetsi bwiwe.

Odebrecht yariyemereye ko yatanze igiturire kingana hafi amadolari ibihumbi 30 muri Peru kuva mu mwaka wa 2004.

Ariko Bwana García yagumye yemeza ko yariko ahohoterwa ku mvo za politike, aho ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi yanditse ku rubuga rwa Twitter ko "ata cemezo na kimwe" kuvyo bamwagiriza.

Mu kwezi kwa 11 kw'umwaka uheze wa 2018, yaranditse asaba ubuhungiro mu gihugu ca Uruguay ariko ntiyemererwa.

Ibindi bisa n’ibi