Sri Lanka: abashika 200 bahitanywe n'ibitero vy'intagondwa kuri Pasika

Sri Lanka, Ibitero, Iterabwoba, Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abagore batekewe n'agahinda inyuma y'ibitero vy'i Sri Lanka

Leta yidogeye umugwi 'National Thowheed Jamath' uzwi ko ushigikiye intagondwa mu gihugu, naho atanumwe aremeza ko ariwo wateye ivyo bibombe.

Igipolisi kiramaze guhagarika abantu bashika 24 mu mukwabu wakurikiye.

Mu gihe abandi baharurwa mu 300 bakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye, i biro vy'umukuru w'igihugu vyashikirije ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

Iri tangazo ritangura kwubahirizwa uno munsi isaha 12 n'igice, amasaha mpuza makungu, ni ukuvuga isaha 6 z'igice amasaha yo muri sri lanka.

Ibi biza gutuma inzego z'igipolisi n'igisirikare zigira ububasha bwo gufata abiketswe, zitarindiriye uruhusha rw'inzego z'ubutungane.

Ibi bitero vyari bizwi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inzego z'umutekano zakwiriye hose mu gisagara naho hataramenyekana neza abari inyuma y'ibi bitero.

Haraheze indwi zibiri, umuhari w'abagira iterabwoba witwa 'National Thowheed Jamath' wari wagabisije abategetsi ba Sri Lanka, kur'ibi bitero.

Ivyo vyamenyeshejwe na Rajitha Senaratne, umuvugizi wa leta, mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru.

Yavuze ko iryo gabishwa ritari ryashikiriye umushikiranganji wa mbere Ranil Wickremesinghe, canke leta arongoye.

Umukuru wa leta Ranil, wewe aremera ko inzego z'umutekano zari zamenye ayo makuru, mugabo ko ataco bakoze ngo bitange canke bakinge iki gitero.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Hemasiri Fernando, yabwiye BBC ko abajejwe igendereza batigeze bamenyesha ko ibi bitero vyoshitse ku rugero nk'uru.

Bo bavuga ko vyoba ari ibitero hirya no hino nka bibiri gusa, bibaye vyinshi.

Uyu mushikiranganji yavuze ko abategetsi bibaza ko abagize ibi bitero bafise ababashigikiye, hanze y'igihugu.

Arashimika ko igitero nk'iki kitoshoboka kidafise inguvu zo hanze y'imbibe za Sri Lanka.

Irindi tangazo ryamenyesheje ko Perezida Maithripala Sirisena abwirizwa gusaba amakungu gufasha guhiga abakorana n'abagize ibi bitero.

Ibisasu birabandanya guturika

Kur'uyu wa mbere, ikindi ki bombe caturikiye mw'ibarabara ryegereye isengero rimwe ryo ku murwa mukuru Colombo.

Hari mu gihe igipolisi cariko kigerageza gutegura ivyo bisasu, vyari mu muduga wakoreshejwe n'abateye.

Ntibiramenyekana nimba hari abo cahitanye.

Ikindi gitero kandi cabereye hagufi y'isengero rikuru ryitiriwe umweranda Anthony, uno munsi nyene.