Bobi Wine ahamagarira abanyagihugu kuja mu myiyerekano bakiyamiriza igipolisi ca Uganda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushingamateka Bobi Wine yarahagaritswe n'igipolisi umwanya muto ku munsi wa mbere
Ikinyamakuru kitegamiye leta Observer co mu gihugu ca Uganda kimenyesha ko umushingamateka Bobi Wine atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'ico gihugu ahamagarira abanyagihugu kuja mu myiyerekano bakiyamiriza ivyo igipolisi ca Uganda gikora.
Nk'uko bibandanya bivugwa na Observer, Bwana Wine avuga kandi ko bakwiye kwiyamiriza akarenganyo avuga ko leta ikorera abanyagihugu.
Uyo mushingamateka akaba n'umunyamuziki, izina ryiwe ry'ukuri akaba ari Robert Kyagulanyi Ssentamu, yavuze ivyo aho yari ari mu gace ka Magere asanzwe avukamwo mu buraruko bushira uburengero bwa Uganda.
Yavuze ati: "Twatewe intege n'abanyagihugu ba Algeria, inyuma y'aho mu ndwi ziheze batumye umukuru w'igihugu yatwaza umukazo atanga imihoho, n'abanyasudani bomoye umukuru w'igihugu cabo yabatwaza umukazo babicishije mu myiyerekano yabaye mu mahoro".
Amakuru avugwa ko uyo mushingamateka yatwawe ku nguvu n'igipolisi i Magere, inyuma y'aho bamuburije gutanga ikiganiro ku banyamakuru ku mugwa mukuru wa Uganda, Kampala.
Ivyo bibaye inyuma y'aho igipolisi kiburije igiteramo c'umuziki c'uyo muririmvyi cari kubera mu nyubakwa yiwe y'umuziki iri i Busabala, imwe mu makaritiye y'umugwa mukuru. Igipolisi cavuze ko cabujije ico giteramo ku mvo z'umutekano.
Bwana Wine akunze gushamirana bikomeye n'ubutegetsi bw'umukuru w'ico gihugu, Yoweri Museveni, amaze imyaka 33 ku butegetsi.
Ihagarikwa ry'uyo mushingamateka be n'ibivugwa ko yahohotewe n'inzego z'umutekano mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze wa 2018, vyariyamirijwe n'amakungu.
Bwana Wine aherutse kumenyesha ko azohangana na Perezida Museveni mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu mwaka wa 2021.