Igisirikare ca Kongo, FARDC, kiregwa "kwiba inka" Masisi

Igisirikare ca Kongo, FARDC, kiregwa "kwiba inka" Masisi

Mu karere ka Masisi mu ntara ya Kivu ya ruguru ingabo za Republika ya Demokrasi ya Kongo zitana ba mwana n'aborozi b'inka baba hafi ya parike ya Virunga.

Abo borozi bavugako abasirikare babatwaye inka zirenga igihumbi, basanze baragiye muri iyo parike, haheze indwi zibiri.

Ariko abasirikare baravuga ko zari inka z'abarwanyi b'umutwe wa FDLR bafashe bari mu gikorwa co guhiga abo barwanyi.

Abayobozi b'abo banyagihugu baravuga ko ico kibazo bagishikirije ubuyobozi bwa gisirikare bukuru bwa leta ya Kongo ariko ko ataco biratanga.

BBC yavuganye n'uwahoze ari umushingamateka ku rwego rw'igihugu, Dunia Barakani Faustin, atangura atubwira ingene vyagenze kugira batware izo nka, mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.