Kim Jong-un arongoye Koreya y'Uburaruko yagiriza Amerika ko ifise ‘umugambi ugayitse’

Putin na Kim Uwufise ububasha kw’isanamu evn
Image caption Kim Jong-un na Vladimir Putin babonaniye ahitwa Vladivostok

Umutegetsi mukuru wa Koreya y'Uburaruko, Kim Jong-un, yagiriza igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko cari gifise "umugambi ugayitse" mu gihe c'umubonano wiwe na Perezida Donald Trump.

Bwana Kim yashikirije ivyo ku munsi wa kane mu gihe yari mu mubonano n'umukuru w'igihugu c'Uburusiya, Vladimir Putin, ahitwa Vladivostok.

Muri uwo mubonano, Kim Jong-un yoba yabwiye Vladimir Putin ko ibintu bitifashe neza namba hagati ya koreya y'Epfo na Koreya y'Uburaruko.

Yaragabishije ko ibintu "bishobora gusubira iwa ndabaga kubera Amerika yafashe "intumbero mbi" mu biganiro biheruka.

Ivyo bibaye inyuma y'aho igihugu ca Koreya y'Uburaruko cagirije Amerika ko yataye intumbero y'ibiganiro.

Ibiganiro hagati y'ivyo bihugu bibiri vyarahagaze inyuma y'umubonano wabereye mu gihugu ca Vietnam ku kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka wa 2019, wagiye kurangira ata masezerano bashitseko ku vyerekeye umugambi w'igihugu ca Koreya y'Uburaruko werekeye ibirwanisho vy'ubumara.

Bivugwa ko ivyo biganiro vyahagaze inyuma y'aho Amerika ankiye ivyasabwa n'igihugu ca Koreya y'Uburaruko ko yokurwako ibihano vyose vy'ubutunzi naco kikabona kwiyemeza guhagarika umugambi waco wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Mu mubonano w'ejo ku wa kane i Vladivostok, Prezida Putin w'Uburusiya yashatse kwifata nk'umuhuza, akaba yavuze ko Bwana Kim akeneye ko amakungu amwemerera ko umutekano wa Korea utazohungabanywa kugira nawe ahagarike umugambi wiwe wugukora ibirwanisho vy'ubumara.

Bwana Putin yavuze ati: " Twipfuza...gusubira mu gihe c'aho amategeko mpuzamakungu ariyo ayobora iyi, hako iyoborwa n'amategeko y'ibihugu bikomeye".

Nta kintu bamenyesheje ku vyo bumvikanye ku biraba ibihano Amerika yafatiye igihugu ca Koreya y'Uburaruko, n'umugambi w'ico gihugu wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Bwana Putin yafashe urugendo rw'iminsi ibiri rumushikana mu gihugu c'Ubushinwa, akavuga ko azoshobora kumenyesha abategetsi b'ico gihugu ivyerekeye ibiganiro bagiranye na Bwana Kim.

Avuga kandi ko yipfuza n'ukuzobisangiza na Amerika.

Urugendo rwa Bwana Kim mu Burusiya abenshi barubonye nk'akaryo k'igihugu ca Koreya y'Uburaruko ko kwerekana ko gifise ibihugu bigenzi bikomeye, inyuma y'aho ibiganiro na Amerika bihagarariye.