Abari mu myiyerekano muri Sudani bariyamiriza ingingo ya gisirikare y’ukwanka ubutegetsi bugwiriyemwo abasivire

Abari mu myiyerekano babandanya kwugariza ibiro bikuru vya gisirikare basaba ko kirekura ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abari mu myiyerekano babandanya kwugariza ibiro bikuru vya gisirikare basaba ko kirekura ubutegetsi

Abari mu myiyerekano muri Sudani bariyamiriza inama ya gisirikare itwara igihugu vy'imfatakibanza inyuma y'aho imenyeshereje ko itazokwemera ubutegetsi bugwiriyemwo abasivire.

Umwe mu bategetsi bagize inama ya gisirikare yabwiye BBC ko iyo nama idashobora kwemera inama nkuru mfatakibanza yiganziwe n'abasivire.

Umwe mu banyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi avuga ko abasirikare badatahura ubutegetsi bwa gisivire.

Hagati aho, abari mu myiyerekano babandanya kwugariza ibiro bikuru vya gisirikare basaba ko kirekura ubutegetsi.

Mu gihe ibiganiro hagati y'abarongoye imyiyerekano n'abategetsi ba gisirikare isa n'iyahagaze, abarongoye iyo myiyerekano bagiriza igisirikare ko ata gushaka bashira mu biganiro kandi ko bakora bashaka gukingira inyungu za Omar al-Bashir aherutse gukurwa ku butegetsi.

Abategetsi ba gisirikare bavuga ko bakeneye gufata ibintu mu minwe kugira ngo bubahirize amahoro n'umutekano mu gihugu.

Iyo nama ya gisirikare irongoye igihugu vy'imfatakibanza igizwe n'abantu indwi ikaba irongowe na Liyetena Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan.

Umumenyeshamakuru wa BBC James Copnall akorera ku mugwa mukuru Khartoum, amenyesha ko impande zompi - inama ya gisirikare n'abari mu myiyerekano - zari zumvikanye ko leta yoshingwa yozoba igizwe n'abahinga, aho kuba igizwe n'abanyepolitike n'abasirikare basanzwe bazwi.

Avuga ariko ko hoshingwa Inama nkuru y'igihugu yoba iri hejuru ya leta. Itunganywa ryayo n'aho ubutegetsi bwayo bwogarukira biracaharirwako.

Uyo mumenyeshamakuru avuga ko iyo nama nkuru y'igihugu yosubirira umukuru w'igihugu, kandi ko igisirikare arico coba gifise uruhara runini, mu gihe abasivire boraba ahanini ibikorwa vya leta.

Ku munsi wa kane w'iyi ndwi, abarongoye abatavuga rumwe n'ubutegetsi barungikiye urwandiko inama ya gisirikare irongoye igihugu, urwandiko rurimwo ivyipfuzo vyabo ku bijanye n'itunganywa ry'ubutegetsi mfatakibanza.

Urwo rwandiko rwashitse mu minwe y'itororokanirizo ry'amakuru Reuters rusaba ko ubutegetsi bwoshikirizwa leta hamwe n'inama nshingamateka igizwe n'abantu 120.

Kw'igenekerezo rya 11 z'ukwezi kwa kane guheze, igisirikare carakuye ku butegetsi Omar al-Bashir inyuma y'imyaka hafi 30 ari ku butegetsi, inyuma y'imyiyerekano yo kumwiyamiriza yatanguye mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze wa 2018.

Yasubiriwe vy'imfatakibanza n'inama ya gisirikare yemereye abanyagihugu ko izosubiza ubutegetsi mu myaka ibiri iri imbere, ivyiyamirijwe n'abari mu myiyerekano.

Ibindi bisa n’ibi