Abatavuga rumwe na leta y'u Burundi barihweza kuja mu matora yo 2020
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Abatavuga rumwe na leta y'u Burundi barihweza kuja mu matora yo mu 2020

Bamwe mu banyapolitike b'Abarundi barimwo abahunze igihugu n'abari mu gihugu, bavuga ko baheruka guhurira i Kampala muri Uganda mu mpera z'indwi iheze.

Mu nama bamazemwo iminsi itatu, ngo bari bafise intumbero yo gusaba umuhuza kubafasha kwongera kuvyura ibiganiro na leta ariko ngo ntibashoboye kumubona.

Ikindi mu vyo bavuga baganiriyeko n'uko bokorera hamwe mu kwitegurira amatora yo mu mwaka uza.

Umwe mu bari muri iyo nama ni Anicet Niyonkuru, umuyobozi nshingwabikorwa w'urunani CNARED, yavuganye na Florentine Kwizera amubwira ko bashikirije ivyipfuzo vyabo ku muhuza w'abarundi, Perezida Museveni wa Uganda.

Ico kiganiro urashobora kucumviriza aho hejuru.

Ushobora gusoma kandi:

Ibindi bisa n’ibi