Abadereva b’indege ba Amerika barerekanye amakenga ku ndege za Boeing 737 Max

Indege yakorokeye ahitwa Bishoftu, Ethiopia ku wa 10 z'ukwa gatatu 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Jonathan Druion
Image caption Indege yakorokeye ahitwa Bishoftu, Ethiopia ku wa 10 z'ukwa gatatu 2018

Ibimenyeshamakuru vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko abadereva b'amakompanyi y'indege muri Amerika banegura ihinguriro Boeing ku makenga yabo ku ndege Boeing 737 Max, ubwoko bw''indege yakorotse muri Ethiopia kw'igenekerezo rya 10 z'ukwa gatatu uno mwaka.

Hari inama yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe kw'umwaka uheze wa 2018 inyuma y'isanganya mu gihugu ca Indonesia ryahitanye abantu 189.

Abo badereva bavuga ko batari bigishijwe bikwiye ku vyerekeye ubuhinga bushasha butuma indege idahagarara (système anti-décrochage), abakora amatohoza bakavuga ko ari bwo bwatumye izo ndege zigira amasanganya.

Boeing yari yaremeye ko izohindura ubwo buhinga, ariko ivyo vyari bikiri mu nteguro igihe indege y'ikompanyi Ethiopian Airlines ikoroka igahitana ubuzima bw'abantu 157 bari muri yo.

Amatohoza ya mbere yerekana ko abadereva b'iyo ndege ya Ethiopian Airlines, Boeing 737 Max, bagerageje kugarura izuru ryayo ryatera rimanuka bakurikije ivyasabwa na Boeing, ariko biranka ko barigarura.

Abajejwe ibigo vy'indege baciye bahagarika indege zose za 737 Max inyuma y'amasanganya abiri yabaye mu mezi atanu.

Isanganya ry'iyo ndege ya Ethiopian Airlines ryakurikiye irindi ry'ikompanyi Lion Air yo mu gihugu ca Indonesia mu kwezi kw'icumi kw'umwaka uheze wa 2018, ryahitanye abantu 189.