Ibiganiro vyahagaze muri Sudani, igisirikare gisaba ko amabarabara azibiwe abanza kwugururwa

Amabarabara yo ku mugwa mukuru Khartoum arazibiwe, igisirikare kikavuga ko ari inzitizi ku biganiro Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amabarabara yo ku mugwa mukuru Khartoum arazibiwe, igisirikare kikavuga ko ari inzitizi ku biganiro

Ibiganiro vy'ugushinga intwaro ya gisivire muri Sudani vyahagaritswe mu kiringo c'iminsi itatu n'abategetsi ba gisirikare, basaba abari mu myiyerekano kubanza kuziburura amabarabara.

Mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo, umukuru w'inama ya gisirikare irongoye igihugu vy'imfatakibanza Liyetena Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan yamenyesheje ko ivyo biganiro bibaye birahagarara "ngo bafashe kugarukana icuka ciza kugira baheraheze ibiganiro".

Yasavye abari mu myiyerekano ko bokwugurura amabarabara n'ibiraro kandi "bakareka gucokoza abajejwe umutekano".

Imbere y'aho, Rashid al-Sayid, umuvugizi w'umugambwe Alliance for Freedom and Change utavuga rumwe n'ubutegetsi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Inama ya gisirikare yatubwiye ko abari mu myiyerekano bategerezwa kwugurura amabarabara bgasubira mu bibanza vyabo basanzwe bakoraniyemwo".

Uwundi mukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Ahmed Rabie, yemeje ko ibiganiro vyahagaze, avuga ko igisirikare gisaba ko amabarabara i Khartoum n'ahandi abanza kwugururwa imbere y'uko gisubira mu biganiro.

Ivyo bibaye haciye amasaha make inama ya gisirikare irongoye igihugu vy'imfatakibanza n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bumvikanye kw'ishingwa ry'intwaro mfatakibanza.

Ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi, umuvugizi w'iyo nama ya gisirikare, Liyetena Jenerali Gen Yasser al-Atta, yari yamenyesheje ko bari bumvikanye kw'ishingwa ry'iyo ntwaro mfatakibanza ya gisivire izomara imyaka itatu.

Muri ayo masezerano, urunani rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi boronkejwe ibice bitatu kuri bibiri mu nama nshingamateka mfatakibanza igizwe n'abantu 300, igice gisigaye naco kigafatwa n'iyindi mirwi.

Amasasu yarumvikanye ejo ku munsi wa gatatu mu gihe abasirikare bariko bagerageza kuziburura amabarabara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bamwe mu bari mu myiyerekano barakomeretse mu mishamirano y'ejo kuwa gatatu

Abari muri iyo myiyerekano i Khartoum bavuga ko abantu bashika icenda bakomeretse, n'aho ico gitigiri kitashoboye kwemezwa.

Imishamirano nk'iyo yarabaye ku munsi wa mbere, aho abantu bashika batandatu bahasize ubuzima, abari mu myiyerekano bakavuga ko ababikoze bategerezwa gushengezwa.

Igihugu ca Sudani kirongowe n'inama ya gisirikare kuva Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi mu kwezi guheze kwa kane, inyuma y'imyaka 30 ari ku butegetsi, ariko gushika ubu iyo nama ntirashobora gusubiza igihugu ku murongo.

Abari mu myiyerekano batewe intege n'isenyuka ry'ubutegetsi bwa Bwana Bashir barabandanya bugarije ibiro bikuru vya gisirikare ku mugwa mukuru Khartoum, basaba ko hoshingwa ubutegetsi bwa gisivire.

Ibindi bisa n’ibi