PARCEM isaba leta kurangiza ikibazo c'abarundi bacugaraniwe mw'ihoteli i Libreville muri Gabon

Abo bakinyi bategerezwa gutaha kw'igenekerezo rya 18 z'uku kwa gatanu
Image caption Abo bakinyi bategerezwa gutaha kw'igenekerezo rya 18 z'uku kwa gatanu

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, PARCEM, rirasaba leta y'Uburundi gutorera vuba umuti w'ikibazo c'abakinyi b'abaterangumu b'abarundi bacugaraniwe mw'ihoteri i Libreville umugwa mukuru w'igihugu ca Gabon.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko leta ikwiye kwitaho inkino nka kimwe mu vyofasha gusubira kwerekana isura nziza y'Uburundi mu makungu.

Uyu ni umunsi wa gatandatu abo bateranguma baserukiye Uburundi mw'ihiganwa rya Afrika badashobora gusohoka muri Hotel y'i Libreville muri Gabon aho ryabereye.

Kuri we, ngo ntivyumvikana ukungene gushika ubu amadolari ari munsi y'ibihumbi bitano yoba yarananiranye kuriha.

Avuga ati: "Kwumva y'uko amahera ari munsi y'amadolari ibihumbi bitanu ariko araboha abarundi bagiye guserukira igihugu cacu, bagiye guserukira ibendera ry'Uburundi, mbere bakaronka n'imidari, ni ibintu bibabaje cane".

Bwana Ndikumana asaba ko leta yohana ababigizemwo uruhara, agasaba ko ibintu nk'ivyo bitosubira muri kazoza.

Mu gitondo co kuri uyu wa kane, umwe muri aba bugaraniwe mw'ihoteli yabwiye BBC ko ubuzima bwabo bwifashe nabi.

Avuga ko hari bamwe muri bo batanguye kurwara nk'ingaruka zo kugaburirwa imigati yumye gusa, akavuga ko mw'ijoro ryakeye hoho n'iyi mikati batayihawe.

Ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi umumenyereza w'abo bakinyi yabwiye BBC ko ubushikiranganji bw'urwaruka, inkino n'imicokama babijeje ko bariko baravyirukamwo vyihuta.

Abo bakinyi bategerezwa gutaha kw'igenekerezo rya 18 z'uku kwa gatanu, ariko kugeza ubu baracafatiriwe mw'ihoteri Ngonemono y'i Libreville.

Ibindi bisa n’ibi