45 bapfuye mw’isanganya ry’ubwato muro Kongo mu kiyaga Mai-Ndombe

Abantu bashika 45, harimwo abana 11, nibo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima mw'isanganya ry'ubwato mu kiyaga Mai-Ndombe mu burengero bw'igihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo.

Ubwo bwato buvugwa ko bwari butwaye abantu barenga 400, muri bo 180 bakaba bararokowe, ariko abandi batari bake bakaba batazwi irengero.

Ubwo bwato bwatwawe ku mugoroba wo ku wa gatandatu ku birometero 30 vy'igisagara ca Inongo, umugwa mukuru w'intara ya Mai-Ndombe, m u gihe bwariko buja ahitwa Boliangwa.

Umukuru w'ico gisagara amenyesha ko abenshi muri izo ngenzi bari abigisha bari bagiye kurondera imishahara yabo.

Abategetsi bamenyesha ko bahagaritse umudereva w'ubwo bwato ku mvo z'amatohoza.

Bamenyesha kandi ko ibikorwa vyo kurondera abari muri ubwo bwato bishobora gutwara ikiringo c'indwi zibiri gushika kuri zitatu.

Mu kwezi guheze, abantu bashika 167 barapfuye mu masanganya abiri y'ubwato mu kiyaga Kivu.

Nta wuzi ico aya masanganya avako, ariko abenshi bavuga ko ari ukubera ubwo bwato burenza igitigiri c'abo burekuriwe gutwara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amasanganya nk'ayo y'ubwato mu kiyaga Kivu mu buseruko bwa Kongo yahitanye abantu barenga 167 mu kwezi guheze kwa kane

Igihugu ca Kongo kirafise ingorane z'amabarabara, bikaba bitoroshe gushika mu bice bitari bike , kiretse ugiye n'indege canke n'ubwato.

Amasanganya aheruka y'ubwato yatumye Félix Tshisekedi, umukuru w'ico gihugu kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka, ategeka ko ingenzi zose zitegerezwa kwambara amakoti yo gukinga impanuka.

Ariko ntawuzi nimba izo ngenzi zari muri ubwo bwato zari ziyambaye.