Agathon Rwasa avuga ko hari abanywanyi biwe bagifatwa
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Agathon Rwasa avuga ko hari abanywanyi biwe bagifatwa, ariko ngo hari abarekurwa

Mu Burundi havugwa abanywanyi b'umugambwe CNL utavuga rumwe na leta babandanije gufatwa bahorwa gukora amanama bivugwa ko atemewe n'amategeko.

Abafashwe mu mpera z'indwi iheze ni abo mu ntara za Karuzi na Rumonge.

Umukuru w'umugambwe CNL, Agathon Rwasa ariko avuga ko hari abarekurwa iyo bitwaye ku bajejwe intwaro.

Ngo kandi nta tegeko ririho rihana uwufashwe mu nama itemewe n'amategeko, ngo igikorwa gusa ni kumubuza gukora iyo nama.

Ivyo mugenzi wacu Florentine Kwizera yavyiganiwe na Agathon Rwasa mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.

Ibindi bisa n’ibi