Haracari ivyo u Burundi bugomba kwuzuza kugira buje muri SADC
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Haracari ivyo u Burundi bugomba kwuzuza kugira bwinjizwe mw'ishirahamwe SADC

BBC yashatse kumenya ukuri mu makuru amaze iminsi avugwa yuko umukuru w'igihugu ca Namibia, Hage Gaingob, ngo yoba yaravuze ko u Burundi bwankiwe kuja mw'ishirahamwe SADC.

Igihugu c'u Burundi kiramaze gusaba kwinjizwa muri iryo shirahamwe ry'iterambere ry'ibihugu vya Afrika y'ubumanuko bukaba bwari burindiriye inyishu.

Bimwe mu bitangazamakuru vyandikira kuri internet, vyari bimaze gusohora amakuru avuga ko u Burundi bumaze kwankirwa kuja muri iryo shirahamwe.

BBC yagerageje kumenye ukuri, duca tuvugana n'umuvugizi w'umukuru w'igihugu ca Namibia, Alfredo Hengari, ngo adutomorere nimba koko bwana Gaingob yaratangaje ko u Burundi bwankiwe.

Inyishu yiwe ni mu kiganiro Bwana Hengari yagiranye na Jacques Niyigeka, mushobora kwumva aho hejuru.

Ibindi bisa n’ibi