Canada yoba iriko isaba ibihugu umuliyoni w’abimukira?

Justin Trudeau Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Justin Trudeau, umukuru w'igihugu ca Canada

Hari inkuru imaze iminsi ikwiragira ivuga ko umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yasavye ibihugu kanaka ko vyoyirungikira umuliyoni w'abimukira.

Iyo nkuru ivuga ko ibihugu vyasabwe kurungika abantu ari Nigeria, Kenya, Zimbabwe, Zambia, Ghana na Philippines.

Ayo makuru ariko akwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi no ku mbuga hwaniro.

Ariko ivyo ni ibinyoma.

Ayo makuru avuga ngw'iki?

Ayo makuru avuga ko igihugu ca Canada kiriko kirondera umuliyoni w'abantu mu mugambi waco mushasha w'ukwakira abimukira.

Hari isanamu iri ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana umukuru w'igihugu ca Zambia n'uwuserukira Canada muri ico gihugu, Pamela O'Donnell.

Image caption Umukuru w'igihugu ca Zambia Edgar Lungu aramukanya na Pamela O'Donnell aserukirayo Canada

Iyo sanamu ni iy'ukuri, ariko amakuru ayiherekeza avuga ko umushikiranganji wa mbere wa Canada yasavye umukuru w'igihugu wa Zambia ko amurungikira umuliyoni w'abantu siyo.

Ibiro bijejwe abimukira muri Canada vyaratanze umuco ko uwo mugambi utabaho.

None iyo nkuru yakwiragiye gute?

Ayo makuru siyo, ariko yavuye ku mugambi w'ico gihugu werekeye abimukira watangajwe mu ntango z'uno mwaka wa 2019, aho igihugu ca Canada gitegura kwakira abimukira bangana n'umuliyoni mu kiringo c'imyaka itatu.

Uwo mugambi nta bihugu kanaka wari werekeye.

Ibiro vy'ubuserukizi muri Nigeria na Kenya vyaragabishije abanyagihugu b'ivyo bihugu ko batogwa mu mutego uvuye kuri ayo makuru.

Ibiro vy'ubuserukizi bwa Canada muri Nigeria vyanditse kuri Twitter biti: "Ukazosanga ku rubuga hwaniro rwawe hariko amakuru aguhamagarira kuja muri Canada, ntugwe mu mutego. Iyo nkuru ni ikinyoma".

None ibintu vyifashe gute ubu?

Abimukira barenga imiliyoni zitandatu barashitse muri Canada kuva mu 1990 - ibitigiri bikaba vyagiye vyiyongera muri ino myaka ya nyuma.

Abasaba ubwenegihugu bwa Canada bariyongereye ku bice 130 kw'ijana kuva mu kwezi kw'icumi 2017 gushika mu kwa gatandatu 2018.

Ibihugu vya Nigeria na Philippines bikaba biri mu gihugu cumi vya mbere vyavuyemwo abimukira baja muri Canada.

Canada irondera abimukira mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c'igabanuka ry'imvyaro n'abanyagihugu baco batera basaza kandi gikeneye abakozi.

Mu mugambi usanzwe uriho, ico gihugu citegura kwemerera abimukira bangana 330,800 mu mwaka wa 2019, abandi 341,000 mu 2020 na 350,000 mu 2021.