I New York muri Amerika kajugujugu yaguye kw'igorofa umuntu umwe arapfa

Helicopter crash in Manhattan Uwufise ububasha kw’isanamu FDNY

Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bamenyesha ko umudereva wa kajugujugu ariwe yapfiriye mw'isanganya ryabereye mu gisagara ca New York igihe iyo ndege yakorokera ku gisenge c'igorofa.

Iryo sanganya ryabaye ejo ku munsi wa mbere mu masaha umunani yo muri ico gihugu, mu gihe hariko hagwa imvura nyinshi kandi hari igipfungu.

Ryatumye haduka umucanwa kuri iyo nzu ipima uburebure bw'imetero 229 uja hejuru n'inzu zigerekeranye zirenga 50 igihe iyo ndege ikorokeye kuri ico gisenge, ariko waciye uzimwa vyihuta.

Abakozi baciye bakurwa muri iyo gorofa kandi nta n'umwe yakomeretse.

Umukuru w'intara ya New York, Andrew Cuomo, avuga ko amatohoza ya mbere yerekana ko iryo sanganya ritavuye ku bukozi bw'ikibi ubwo ari bwo bwose.

Yavuze ko iryo sanganya ryateye ubwoba abatari bake basanzwe bibuka ivyabaye kw'igenekerezo rya 11 z'ukwezi kw'icenda umwaka wa 2001.

Uwufise ububasha kw’isanamu @FDNY
Image caption Isanamu y'ibisigarira vy'iyo kajugujugu ku gisenge c;iyo gorofa

Yagize ati: "Usanzwe uba i New York, uca wibuka ubwo nyene ivyabaye ku wa 11 z'ukw'icenda. Naje ndibuka neza ico gitondo".

"Rero, iyo wumvise indege isetse inzu, nibaza ko mu mutwe haca haza ikiri mu mutwe w'umuntu uwo ari we wese aba i New York".

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko iryo sanganya ari "akaga gakomeye" kandi ko "ari ikintu kibabaje".

Abategetsi bavuga ko iyo ndege yari ivuye ku kibuga c'indege kiri ahitwa Manhattan aho i New York, ikaba yagiye gukoroka haciye akanya gato ihagurutse.

Ikigo kijejwe ivy'indege muri Amerika kimenyesha ko umudereva wayo, Tim McCormack, ari we wenyene yari muri yo.

Uwufise ububasha kw’isanamu CBS
Image caption Umukuru w'intara ya New York Andrew Cuomo ati iryo sanganya ryateye ubwoba abatari bake bibuka ivyabaye ku wa 11/9/2001

Ku ruhande rwiwe umukuru w'igipolisi i New York, James O'Neill, amenyesha ko icatumye iyo ndege iguruka mu gihe ikirere cari kimeze nabi ari "kimwe mu biriko bikorwako amatohoza".

Iyo nyubakwa yaguweko n'iyo ndege ntiri kure cane y'inyubakwa Trump Tower ya Perezida Trump, indege zikaba zitemerewe guca muri ico gice kuva abaye umukuru w'igihugu.

Umukuru wa New York avuga ko gushika ubu ata kintu na kimwe cerekana ko ivyabaye ari igikorwa c'iterabwoba, kandi ko umutekano wa New York utabangamiwe.

Mu mwaka uheze wa 2018, abantu batanu barapfuye mu gihe indege yari itwaye ingenzi yagwa mu ruzi rwitwa East River mu mujyi wa New York.