Umwana yavukiye mw’itereni muri Irlande yahawe imyaka 25 yunguruzwa ku buntu

Umuvyeyi n'urwo ruyoya bompi bameze neza. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuvyeyi n'urwo ruyoya bompi bameze neza.

Umwana w'umukobwa yavukiye mw'itereni mu gihugu ca Irlande yahawe imyaka 25 yunguruzwa atarinze kuriha.

Ivyo vyabaye uno munsi ku wa kane isaha icenda n'iminota itanu (15h:05) igihe iyo tereni yariko iva ahitwa Galway ija ku mugwa mukuru w'ico gihugu Dublin.

Umuganga n'abaforoma babiri bari muri iyo tereni muri uwo mwanya nibo bafashije kugira ngo uyo mwana avuke.

Iyo tereni y'ikompanyi yitwa Iarnród Éireann yo muri ico gihugu ivuga ko izokwunguruza uyo mwana ku buntu "gushika akwije imyaka 25" kubera yavutse mu buryo budasanzwe.

Ingene vyagenze

Umwe mu bakozi b'iyo tereni yabwiye iradiyo y'igihugu ca Irlande, RTÉ, ko yagiye kumenya ko hari ikintu kiriko kiraba yumvise umugore yariko arakoma induru ari mu kazu ka surwumwe muri iyo tereni.

Uyo mukozi, Emma Tote, avuga ko yasunitse umuryango n'inguvu zose asangayo uyo mugore, aca amubwira ko yafashwe n'ibise.

Umupfasoni Tote yaciye abibwira umudereva, ahamagara rusehabaniha, aca asaba ingenzi zoba ari abaganga kuja gufasha.

Mu bitavye akamo, harimwo muganga yitwa Dr Alan Devine akorera aho i Galway.

Uwufise ububasha kw’isanamu RTE
Image caption Iyo tereni ya Iarnród Éireann yava i Galway ija i Dublin

Avuga ko yashitse ateba, ariko ko yasanze abo baforoma bariko baramufasha, akaba yafashije kwakira ico kibondo.

Avuga ati: " N'aho vyari ibintu bidasanzwe, ni ibintu bishika, tuvyemera canke tuvyanka, reka rero dukore ibishoboka".

Umuvugizi w'iyo kompanyi yavuze ati: "Turaryohewe cane, kandi turashimiye ingenzi n'abakozi bafashije uyo mukenyezi kwibaruka neza uyo mwana w'umwigeme".

Uyo muvyeyi n'urwo ruyoya baciye bajanwa kw'ivuriro bageze i Dublin kandi bompi bameze neza.

Ibindi bisa n’ibi