Donald Trump avuga ko yipfuza ‘gukorana mu minwe’ na Kim Jong-un

Kim Jong-un na Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu EPA/Getty
Image caption Kim Jong-un wa Koreya y'Uburaruko (i bubamfu) Donald Trump wa Amerika

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatumiye Kim Jong-un arongoye Koreya y'Uburaruko ko bohurira mu karere gasanzwe kagabura ibihugu vya Koreya y'Uburaruko n'Ubumanuko.

Mu vyo yise iciyumviro kimujemwo giturumbuka, Bwana Trump yamenyesheje aciye ku rubuga rwa Twitter ko ashobora "gukorana mu minwe na Bwana Kim bakaramukanya" mu gihe azoba aramutse atemberera igihugu ca Koreya y'Ubumanuko.

Koreya y'Uburaruko ivuga ko "ari iciyumviro ciza cane".

Mu gihe Trump na Kim boramuka babonaniye muri ako karere, bwoba bugize gatatu mu mwaka abo bategetsi babonanye, ariko ariko bukaba bwoba bubaye ubwa mbere kuva ibiganiro vyabahuje muri Vietnam bihagaze ataco bishitseko mu kwezi kwa kabiri uno mwaka wa 2019.

Bwana Trump yemeye ko abo bategetsi bompi bashobora kubonana "iminota ibiri", ivyatumye umwe bu bihweza ibintu n'ibindi avuga ko uwo mubonani ari "nk'inkinamico".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umusirikare wa Koreya y'Ubumanuko ahagaze mu nyubakwa iri mu karere kagabura Koreya y'Uburaruko n'Ubumanuko

Hagati aho, n'aho bisa n'uko ata nteguro hagati y'abajejwe imigenderanire, hariho bamwe babona ko mumbonano hagati y'abo bategetsi bompi wotuma imigenderanire inagurwa, ivyotuma hasubira kgutegurwa ibiganiro muri kazoza.

Muri Koreya babifata gute?

Haciye amasaha makeya gusa, icegera ca mbere c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Koreya, Choe Son Hui, yatangaje ati: "Tubona ko ico ciyumviro ari ciza cane, ariko nta butumire turaronka".

Yongeyeko ati: "Uwo mubonano ushobora kuba akandi karyo nyako kotuma imigenderanire hagati y'abo bategetsi bompi itsimbatara".

Igisigaye ni ukumenya nimba abafasha ba Bwana Trump boba baramenyeshejwe ico cipfuzo ciwe, mu gihe ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Koreya y'Ubumanuko bivuga ko gushika ubu ata na kimwe kiramenyekana.

Mu ndwi iheze, umutegetsi wa Koreya y'Ubumanuko yari yamenyesheje ko Bwana Trump yariko araba ingene yogendera akarere kagabura Koreya Y'Ubumanuko n'Uburaruko, ariho haciye havuka iciyumviro ko ashobora kubonana na Bwana Kim.

Mu minsi iheze, intumwa idasanzwe y Amerika muri Koreya y'Uburaruko Stephen Biegun, yari yamenyesheje ko Amerika "yari yiteguye kuja mu biganiro nyezina na Koreya y'Uburaruko".