Trump na Kim Jong-un babonaniye mu karere kagabura ibihugu bibiri vya Koreya

Donald Trump igihe yariko ajabuka umurongo ugabura ibihugu vya Koreya yinjira ku butaka bwa Koreya y'Uburaruko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump igihe yariko ajabuka umurongo ugabura ibihugu vya Koreya yinjira ku butaka bwa Koreya y'Uburaruko

Umukuru w'igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika na Kim Jong-un arongoye Koreya y'Uburaruko bakoranye mu minwe bahuriye mu karere gasanzwe kagabura ibihugu bibiri vya Koreya.

Bwana Trump abaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika ashoboye kujabuka akinjira ku butaka bwa Koreya y'Uburaruko inyuma y'ukubonana na Bwana Kim mu karere kagabura Koreya y'Uburaruko n'Ubumanuko.

Muri uwo mubonano bisa n'uko wateguwe na Bwana Trump aho atumiriye Bwana Kim ku rubuga rwa Twitter, abo bategetsi bompi baramukanirije ku murongo ugabura ivyo bihugu vya Koreya, imbere y'uko Bwana Trump ajabuka akinjira muri koreya y'Uburaruko, intambwe ikomeye.

Amwenyura, Bwana Kim yabwiye Trump ati: "Ndanezerewe n'ukuba ndi kumwe nawe kandi. Si nashobora kwibaza ko nobonana nawe muri kino kibanza".

Bwana Trump nawe ati: "Ni igihe kidasanzwe...intambwe ikomeye cane".

Mu nyuma, Bwana Kim aboneka ko aryohewe, yajabutse urubibe nawe yinjira ku butaka bwa Koreya y'Ubumanuko. Ari kumwe na Trump yavuze ati: "Ndizera ko iki ari ikimenyetso c'ishaka ryacu ry'uguhamba kahise kabi tukubaka kazoza gashasha".

Inyuma y'aho, baciye bagana mu nyubakwa yiswe Freedom House (inzu y'ubwigenge) iri muri Koreya y'Ubumanuko, ariho babonaniye mu mwiherero wamaze ikiringo c'isaha irenga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption TRump na Kim mu karere kagabura Koreya y'Uburaruko na Koreya y'Ubumanuko

Mu bidakunze kuba, Bwana Kim yabwiye abanyamakuru ko ari "ikimenyesto" c'imigenderanire myiza hagati yiwe na Bwana Trump.

Avugana n'abamenyeshamakuru ari kumwe na Bwana Kim, Perezida Trump yavuze ko ari "umunsi ukomey mu mateka y'isi", kandi ko ari "umunezero kuri we kubona ashoboye kujabuka uwo murongo" ugabura ivyo bihugu bibiri vya Koreya.

Yavuze kandi ko yatumiye Bwana Kim ko yogendera Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Abo bategetsi babiri bumvikanye ko bashinga imirwi ijejwe kunagura ibiganiro.

Kubera iki uwo mubonano ufise insiguro ikomeye

Mu gihe ata nteguro yari ihari hagati y'abajejwe imigenderanire, uwo mubonano waboneka ko kari akaryo ko kwifotoza gusa. Ariko, werekanye ko abo bategetsi bompi bafise ishaka ryo kubandanya ibiganiro bizoshika ku masezerano yo guhagarika umugambi w'ibirwanisho vy'ubumara.

Ibiganiro na Koreya y'Uburaruko mu ntumbero y'ukugerageza kuyumvisha ko yoheba umugambi wayo w'uguhing ura ibirwanisho vy'ubumara, vyarashitse ku ntambwe ikomeye mu mwaka uheze, aho abo bategetsi bompi bahurira mu gihugu ca Singapour.

Bompi bariyemeje "gukora kugira bahagarike umugambi w'ibirwanisho vy'ubumara" muri Koreya yose, ariko badasiguye ingene vyari kugenda.

Vyari vyitezwe ko mu mubonano wabo wa kabiri mu gisagara ca Hanoi muri Vietnam, bari gushika ku masezerano nyezina yari gutuma Koreya y'Uburaruko ihagarika umugambi wayo w'ugukora ibirwanisho vy'ubumara, hanyuma nayo igatezurirwa ibihano.

Ariko ivyo biganiro vyaheze ataco bashitseko, kubera vyanse ko bumvikana ingene ivyo bihano vyotezurwa. Kuva ico gihe, ibiganiro vyarahagaze n'aho Bwana Kim na Bwana Trump baherutse kwandikiranira amakete.

Mbega akarere kagabura ibihugu bibiri vya Koreya ni iki?

Akarere kagabura ibihugu bibiri vya Koreya, ni akarere gafise ubwaguke bw'ibirometero bine, n'uburebure bw'ibirometero 250. Kagabura ibihugu vya Koreya y'Uburaruko na Koreya y'Ubumanuko kuva intambara ya Koreya irangiye mu mwaka wa 1953.

Ako karere mu bisanzwe nta basirikare canke ibirindiro vya gisirikare birangwamwo, arico gituma kitwa Demilitarized Zone, canke Zone démilitarisée (DMZ).

Hagati aho, ako karere kari ku mipaka iri mu mipaka icungerewe gisirikare bikomeye kw'isi.