Abimukira baharugwa mu mirongo boba baphuye ku nkengera za Tuniziya

Abimukira muri Mediterane

Hari ubwoba ko abo bantu boba baphuye inyuma y'ubwato bwazamye mu mazi. Bane gusa barokotse batabawe gushik'ubu, bavuga ko bari mu bwato barenga 80.

Ubwo bwato bwari bumaze imisi buvuye mu burengero bwa Libya.

Murabo bane barokotse bakajanwa ku bitaro kuvugwa -umwe muribo aza yitavye Imana.

Bavuga ko ubwato bwabo bwazamye ku musi wa gatatu bwandurutse buva aho bita Zwara muri Lybiya inyuma y'imisi myinshi.

Bose abari muri ubwo bwato bavuka muri Afrika yo musi ya Sahara.

Inzira y'abimukira ya Afrika ya ruguru ica muri Mediterane ija mu Bulaya imaze guhitana ubuzima bw'abantu baharugwa mu bihumbi.

Mu kwezi guheze, abantu mirongo itandatu na batanu baraphuye kubera ubwato bwabo bwazamye bavuye mu gihugu ca Libya.

Ariko ibitigiri vy'impunzi hamwe n'abimukira bagerageza kwiroha mu kujabuka, vyaragabanutse cane.

Ibi vyabaye kuva igihugu c'Ubutaliyano , gishigikiwe n'umuryango wa Bulaya gikoresheje amafranga aharugwa mu miliyoni indwi y'amadollare mu gushira inguvu mu gucungera inkengera z'ikiyaga ziri yafi Lybiya mu guta muri yompi ubwato.

Ariko muri aya mezi atatu aheze yaranzwe n'isubira ry'ingwano, hagati mu gihugu no ku mugwa mukuru Tripoli , yatumye ibintu biyangara.

Ibindi bisa n’ibi