Ubufaransa bwemeje amakori ataguye neza Amerika

Google Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Google

Inama nshingamateka y'Ubufaransa yemeje integuro y'itegeko rigena amakori acibwa ibigo bikomakomeye nka Google, Facebook na Apple.

Guca 3% nk'ikori ku bikorwa vy'ibigo bikoresha itumatumanako bigera ku 30 birwiriyemwo ivyo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika bishobora kuzanira leta y'Ubufaransa miliyoni 400 z'ama euros muri uyu mwaka wonyene.

Abashingamateka birengagije akamo ka Leta Zunze Ubumwe za Amerika zavuga ko ari akarenganyo, kandi ko zigiye kwihora mu kuzoshiraho amakori nk'ayo.

Umushikiranganji w'ikigega ca Leta w'Ubufaransa Bruno Le Maire yiyamirije impungenge za Amerika, avuga ko ibintu nk'ibi bikwiye gutoregwa umuti mu biganiro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Bruno Le Maire (i buryo) yiyamirije impungenge za Amerika

Ubufaransa buvuga ko bikwiye ko ibigo vyifashisha itumatumanako, bitanga amakori aho bikorera aho kuyatanga aho bifise icicaro gikuru, ivyinshi bikaba bibarizwa muri Amerika.

Ubufaransa bwananiwe kwumvisha ibindi bihugu gufatira hamwe iyo ngingo mw'ishirahamwe rya Bulaya, bari kwita 'GAFAs' mu majambo avunaguye, n'ukuvuga Google, Apple, Facebook na Amazon.

Ubu rero bwahisemwo gutangura bwo nyene guca ayo makori, ariko bukizera ko iyi ngingo yabwo izoba iy'igihe gito.

Hari ibiganiro hagati y'ibihugu bitunze kuruta ibindi bigize umugwi G7 hamwe n'ikigo kijejwe kuraba imigenderanire mu butunzi n'iterambere mu kugabangana amakori avanwa mw'ikoreshwa ry'itumatumanako muri kino gihe rifise ikibanza gikomeye.

Gutyo rero hakaboneka umwumvikano uvuye mu nama ugasubirira ingingo nka bene iyi y'Ubufaransa.

Ubwongereza bwatangaje umugambi wo gushiraho amakori asa n'aya y'Ubufaransa, ico cemezo kikazoshobora kuja mu bikorwa mu mwaka uza.

Espagne yo yakoze umushinge w'itegeko muri uyu mwaka.

Ibi bivuze iki ku Bufaransa?

Umunyamakuru Dave Lee akorera muri Amerika ya ruguru ati 'Ubufaransa burikumiriye'.

Ubutegetsi bwa Washington bwamaze kuvuga ko bugiye kwugurura ingingo yitwa 'Section 301', mu nzira yo gutohoza nimba hari aho burenganywa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Robert Lighthizer ahagarariye Amerika mu budandaji avuga ko Trump yasavye itohoza.

Ni ingingo yakoreshejwe mbere, nk'inzira yo gushiraho ibiciro bishasha ku bihugu ubutegetsi bwa Trump bwibaza ko biriko biburiramwo mbege.

Nimba Ubufaransa bugiye gukura miliyoni amajana z'ama euros mu mifuko y'ibi bihangange vyo muri Amerika, Amerika nayo ishobora kuvuga iti :'kuki tweho tutokura amafranga mu vyo Ubufaransa bukorera iwacu?'

Uko niko vyagenze ku Bushinwa, bigahamba Amerika mu ntambara y'ubudandaji ishobora no gukomera muri kazoza.

Amakori ku bikorwa vy'itumatumanako, ni ikibazo giteye impungenge ku Bufaransa, kuko bwikumiriye.

Ibiganiro vyigeze gutangura hagati y'ibihugu kuri ayo makori vyahavuye biburizwamwo kuko bamwe muri bo batari bashigikiye ayo makori.

Aha umuntu yovuga nka Irland yavyungukiyemwo mu guhamagara abashoramitahe bashaka isoko ku mugabane wa Bulaya.

Ibindi bihugu nk'Ubwongereza, Espagne na Autriche biracagonanwa gufata iyo nzira.

Ico impande zompi zihuriyeko n'uko igihe carenze co kwiyumvira ingene ibigo vyungukira mw'itumatumanako bitozwa amakori.

Ubufaransa bushobora kwitega ibintu bibiri.

N'uko ibihugu bitera ikirenge mu cabwo bishiraho amategeko yavyo, bigatuma Ubufaransa butaba nyamwigendako.

Ikindi n'uko iyo ntambwe Ubufaransa bwateye ishobora gutuma n'ibindi bihugu bibona ko hageze kwumvikana uko bitoza ayo makori biri hamwe.

Ivyo vyotuma amafranga ivyo bigo vyahora vyikwegerako ataha mu bigega vy'ibihugu.