Afrika y’Epfo yarungitse igisirikare mu gisagara ca Cape Town gihanzwe n’abagizi ba nabi

Abo basirikare bazohabwa amategeko n'igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo basirikare bazohabwa amategeko n'igipolisi

Abategetsi ba Afrika y'Epfo barungitse abasirikare mu turere tw'igisagara ca Cape Town kiri ku nkengera y'ibahari guhangana n'imirwi itera uruhagarara.

Umushikiranganji ajejwe igipolisi, Bheki Cele, amenyesha ko abo basirikare bazokorana n'abapolisi mu gikorwa co gusaka ibirwanisho n'ibiyayuramutwe.

Abantu bashika 13 barishwe mu masaha 24 mu ndwi iheze mu migumuko yadutse mu turere tumwe tumwe two muri ico gisagara.

Ikibazo c'imirwi itera uruhagarara muri ico gisagara ca Cape Town kimaze imyaka mirongo n'iyindi.

Amakuru ava muri utwo turere avuga ko iyiheruka yavuye ku mirwi ibiri ipfa uburere, ikaba yagiye kwunyurwa n'ibitero vy'ukwihorahorana.

Amakuru avuga ko abapolisi benshi bashwaye uturere twa Bonteheuwel, Delft, Hanover Park Philippi East.

Bwana Cele avuga ko kurungika abo basirikare biri mu ngingo "zidasanzwe" zari zikenewe gufatwa mu ntumbero y'ugucungera umutekano w'abanyagihugu.

Bwana Cele yabwiye abanyamakuru ati: "Tuzoca ku muryango umwe umwe wose twegaranya ibirwanisho vyose bitunzwe hadakurikijwe amategeko, kandi tuzohagarika n'inkozi z'ikibi zose dukeneye".

Uyo mushikiranganji yavuze ko ico gikorwa cari gitegekanijwe gutangura isaha umunani z'ijoro mw'ijoro ryakeye gifise intumbero yo " kwubahiriza ubutegetsi bw'igihugu" muri ako karere.

Yashigikiye ico gikorwa, avuga ko abo basirikare - "bazohabwa amategeko" n'igipolisi - bakoreshejwe mu gucungera amatora yo mu kwa gatanu.

Abo basirikare barungitswe muri ico gikorwa mu kiringo c'amezi atatu, kigashobora kwongerezwa.

Igisirikare caheruka kurungikwa kurwanya iyo mirwi muri ico gisagara mu mwaka wa 2017.

Ingorane y'imirwi itera umudugararo iva ku busumbasumbane bubandanya bwibonekeza cane muri ico gisagara hagati y'abifise n'abakene.

Umunyamakuru wa BBC Pumza Fihlani akorera i Johannesburg avuga ko abo bapolisi n'abasirikare barungitswe muri ico gisagara bashobora guhagarika ibitero mu mwanya muto, ariko ko badashobora gutorera umuti ico kibazo c'imibereho gituma havuka iyo mirwi.

Ibindi bisa n’ibi