Inyuma ya Uhuru Kenyatta, Museveni aragendera Magufuli i Chato –mbega ni ibiki?

Magufuli na Museveni

Bitegekanijwe ko umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni agendera igihugu ca Tanzaniya kuri uyu wa gatandatu, aho yitezwe kubonana na Perezida John Pombe Magufuli, ku gatumba asanzwe avukako ka Chato.

Nk'uko itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ribivuga, abo bategetsi bompi baraza kugiriranira umubonano mw'ibanga.

N'aho ari umubonano w'ugukomeza ubucuti hagati y'abo bategetsi bompi, vyitezwe ko baza kuvugana ivyerekeye ubudandaji, cane cane mu muryango w'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko.

Prezida Museveni, abaye umukuru w'igihugu wa kabiri wo mu buhigu vy'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko agendeye Perezida Magufuli ku gatumga i Chato, inyuma y'indwi imwe gusa Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya agendeye ico gihugu.

Hoba hari inzitizi mu vy'ubudandaji?

Perezida Uhuru Kenyatta yavuze ko urwo rugendo rwari rufise intumbero y'ugutsimbataza umubano mwiza hagati ya Kenya na Tanzaniya.

Uwufise ububasha kw’isanamu IKULU
Image caption Uhuru Kenyatta (i bubamfu) na John Magufuli (i buryo)

Yavuze ko ari nkenerwa ko abategetsi bakora ibishoboka vyose kugira ngo bakureho inzitizi muvyo ubudandaji no muvyo uruja n'uruza rw'abantu.

Yazuze ko ari nkenerwa ko ibihugu vy'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko bikomeza ubucuti nk'umuryango umwe.

Ku ruhande rwiwe, Perezida Magufuli yarashimangiye intumbero y'igihugu ciwe c'ukubandanya kubugabunga imigenderanire myiza mu karere.

Umubonano hagati ya Museveni na Kagame?

Inyuma y'aho, bitegekanijwe ko umukuru w'igihugu ca Uganda abonana na Prezida Paul Kagame w'u Rwanda i Luanda umugwa mukuru wa Angola, bikaba vyitezwe ko abo bategetsi bompi baganira ku vyerekeye ukutumvikana hagati y'ivyo bihugu vyompi.

Uko kutumvikana kwatumye uruja n'uruza ku mupaka w'ivyo bihugu rucumbagira, buri ruhande rukagiriza urundi ko ari rwo nkwezi y'amarere.

Uwufise ububasha kw’isanamu PETER BUSOMOKE

Perezida Kagame aherutse kumenyesha ko ukutumvikana hagati y'igihugu ciwe na Uganda kwatanguye imyaka 20 iheze, avuga ko hari abantu b'ico gihugu kibanyi bashatse gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Perezida Kagame avuga ko uko kutumvikana kwagiye kwunyuka muri ino myaka ya vuba, bivanye n'uko Uganda yashigikiye umurwi RNC urwanya ubutegetsi bw'u Rwanda, uvugwa ko ukoreshwa na Uganda mu gucinyiza abanyarwanda bagendera canke basanzwe baba muri ico gihugu ca Uganda.

Ku rundi ruhande, Uganda yagiriza u Rwanda ko irungika ba baneko baja kugendereza ico gihugu, ivyo u Rwanda rwamirira kure.

Ibindi bisa n’ibi