Facebook ishobora gucibwa ihadabu itari bwabeho y’imiliyaridi 5

Biroroshe gukoresha urubuga rwa Facebook kuri za terefone ngendanwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Biroroshe gukoresha urubuga rwa Facebook kuri za terefone ngendanwa

Ikigo kijejwe ubugenduzi muvyo ubudandaji muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cemeje ihadabu y'imiliyaridi zitanu z'amadolari yaciriwe urubuga rwa Facebook kubera ukwinjira mu mabanga y'abantu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika.

Ico kigo (FTC) kimaze igihe gikora amatohoza ku birego bivuga ko ikigo kijejwe guhanura mu vya politike Cambridge Analytica caronse amakuru ku buryo butajanye n'amategeko y'abantu imiliyoni 87 bakoresha Facebook.

Facebook na FTC vyabwiye BBC ko ataco bifise bishikiriza kuri ayo makuru.

None iyo ngingo yashitsweko gute?

Ikigo FTC catanguye amatohoza kuri Facebook mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze wa 2018, inyuma y'uko kironse inkuru yavuga ko Cambridge Analytica yaronkejwe amakuru y'abantu ibihumbi n'ibihumbi basanzwe bayikoresha.

Ayo matohoza yaravye cane cane niba Facebook yararenze ku masezerano yo mu mwaka wa 2011 ayitegeka kubanza kumenyesha neza abayikoresha hanyuma ikaronka "uruhusha" rwo gutanga amakuru yabo.

Ikinyamakuru New York Times kimenyesha ko abanywanyi bo mu mugambwe w'aba Democrates basaba ko hoshingwa akarimbi ntarengwa kuri iyo kompanyi, mu gihe abandi nabo bavuga ko iyo hadabu itajanye n'icaha.

Umu senateri Mark Warner avuga ati : "Niba FTC idashoboye canke atashaka ifise ryo gushiraho ingingo ziboneka zo gucungera amabanga y'abantu, harageze ko Inama Nshingamateka ihaguruka".

Hagati aho, amakuru avuga ko iyo hadabu izotegerezwa kwemezwa n'igisata kijejwe ubutungane, bikaba bitazwi ikiringo bizofata.

Mu gihe yokwemezwa, izoba ariyo hadabu ya mbere nini ikigo FTC giciriye ikompanyi y'ubuhinga bwa none.

Facebook yari yiteze ikintu nk'iki?

Nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC, Dave Lee akorera muri Amerika y'Uburaruko, Facebook yari yiteze ibintu vyayishikiye.

Mu kwezi kwa kane, yari yabwiye abanyamitahe ko yari yashize ayo mahera hafi yose ku ruhande, vyumvikana ko iyo hadabu ata ngaruka nini cane izogira kuri iyo kompanyi.

Ikitaramenyekana ni izindi ngingo zindi zishobora gufatirwa iyo kompanyi, nk'akarorero izerekeye gucungera gusumba amabanga y'abantu, canke nimba hari ingaruka zishobora gushikira umukuru wayo Mark Zuckerberg ku giti ciwe.

Iyo hadabu ingana hafi ica kane c'inyungu y'iyo kompanyi mu mwaka wose, izotuma abavuga ko ataco ivuze babandanya bayinegura.

Ibindi bisa n’ibi