Imyuzurira yahitanye abatari bake mu Buhindi na Nepal

Imyuzurira irabangamiye lintara ya Assam, mu Buhindi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imyuzurira irabangamiye lintara ya Assam, mu Buhindi

Abantu baharurwa mu mirongo bahitanywe n'imyuzurira yateye mu gihugu ca Nepal no mu buraruko bushira ubuseruko bw'Ubuhindi.

Igipolisi c'Ubuhindi cabwiye itororokanirizo ry'amakuru Press Trust of India ko abantu bashika 43 bamaze guhitanwa n'iyo myuzurira.

Ikinyamakuru Himalayan Times naco co muri Nepal, kivuga ko abantu 24 babuzwe irengero kubera iyo myuzurira n'ibihomoka.

Abantu barenga igice c'umuliyoni nibo bageramiwe n'iyo myuzurira, mu gihe isegenya yitezwe ko izobandanya mu misi iri imbere muri ako gace.

Igipolisi cashoboye kurokora abantu 1100 mu gihugu cose ca Nepal, aho imiryango irenga ibihumbi cumi yatewe n'iyo myuzurira.

Ku mugwa mukuru wa Nepal, Kathmandu, umuryango ugizwe n'umugabo, umugore n'umwana umwe wose watikiye.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko uruzi Brahmaputra ruca mu gihugu vy'Ubuhindi, Bangladesh n'Ubushinwa rwasheshe, rutuma uturere turenga 1800 yo mu buraruko bushira ubuseruko bw'Ubuhindi iterwa n'imyuzurira.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Leta ya Assam ni imwe mu zatewe n'amazi mu buseruko bushira uburaruko bw'Ubuhindi. Keshab Mahanta umushikiranganji w'amazi muri iyo leta avuga ati: "Imyuzurira ibandanya iba nabi cane".

Igihe c'imvura citwa moussons gitangura kuva mu kwa gatandatu gushika mukw'icenda, isegenya zikaba zikunda kwiha inkumbi mu bumanuko bw'umugabane wa Aziya uko umwaka utashe.

Mu mwaka uheze, abantu barenga 1200 barapfuye bahitanye n'isegenya n'ibihomoka, mu gihe akarere ka Kerala mu Buhindi katerwa n'imyuzurira itari bwigere iboneka mu myaka hafi ijana.