Umugore yafashwe ku nguvu ari mw'isabukuru muri Glasgow, Ecosse

Iryo bara ryabaye igihe umunyamuziki w'umwongereza Stormzy yariko araririmba Uwufise ububasha kw’isanamu PA Media
Image caption Iryo bara ryabaye igihe umunyamuziki w'umwongereza Stormzy yariko araririmba

Igipolisi co mu gihugu ca Ecosse kiriko kirondera abagabo babiri bakoreye ivya mfura mbi umukenyezi yari mw'isabukuru ryabera i Glasgow mu gihugu ca Ecosse.

Uyo mukenyezi w'imyaka 32 y'amavuko yacakiwe n'umugabo umwe, hanyuma uwundi nawe aca amukorera ivya mfura mbi, ni mu gihe hariko haba igiteramo ahitwa Glasgow Green.

Ivyo vyabaye hafi isaha zine z'ijoro ku munsi wa gatanu mu gihe yari agiye kwihagarika mu kazu ka surwumwe kari hafi y'igice bakiniramwo (scène).

Yagiye gutabarwa n'abandi bagabo batatu bariko birenganira baca bavuza induru, ariho izo nkorabara zaca ziyanyaga.

Intwazangabo mu gipolisi, Sereja Euan Keil avuga ati: "Uyo mugore yariko aja kwihagarika aho yafatwa n'umugabo umwe aca amukwegera inyuma y'akazu ka surwumwe, uwundi nawe aca amukorera ivya mfura mbi".

"Izo nkorabara zahunze abandi bagabo batatu bariko birenganira bababonye baca babaha induru".

"Sinzi ko abo bagabo batatu bamenye ivyariko biraba, canke nimba bazi ko batabaye ibintu bitaraba nabi".

"Ni ngombwa ko tubarondera kuko ivyo babonye bishobora kudufasha gufata abakoze ico caha".

Abateguye iyo sabukuru basohoye itangazo aho bavuga ko bariko bakora ivyo bashoboye vyose mu gufasha abariko bakora amatohoza.