Inama Nshingamateka ya Amerika yananiwe n’ukubogoza Perezida Trump

Donald Trump avuga ko integuro y'ukumubogoza iteye isoni Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump avuga ko integuro y'ukumubogoza iteye isoni

Abashingamateka ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika bahagaritse integuro y'ukubogoza Perezida Donald Trump.

Umu-'démocrate' aserukira leta ya Texas, Al Green, yashikirije iyo nteguro inyuma y'aho iyo nama nshingamateka yemeje urwandiko rwiyamiriza Bwana Trump aho yatyoje abashingamateka bane b'abagore mu majambo yavuze abonwa ko ari ayo amacakubiri y'urukoba.

Ariko, iyo nteguro ntiyashoboye gushigikirwa bikwiye, kuko na bagenziwe b'aba démocrates batayitoye.

Bwana Trump avuga ko ubu imigambi "iteye isoni" y'ukumubogoza "yahagaze".

Aciye ku rubuga rwa Twitter, yanditse ati: "Ibi ntibikwiye gusubira kuba ku wundi perezida wa Amerika".

Inyuma y'aho mw'ikoraniro ryabaye muri Caroline ya Ruguru, Bwana Trump yabandanije yifatira mu gahanga abo bashingamatekan bane b'abagore bo mu mugambwe b'aba démocrates - Alexandria Ocasio-Cortez, Ilhan Omar, Ayanna Pressley hamwe na Rashida Tlaib.

Isinzi ry'abantu ryamukomeye amashi mu gihe yongera kwifatira mu gahanga abo bagore abagiriza ko banka Amerika.

Abenshi muri iryo sinzi baciye batangura kuririmba ngo "Musubize iyo yavuye! Musubize iyo yavuye!" - nk'igihe baririmba ngo "Mupfunge", mu gutyoza Hillary Clinton mu matora y'umukuru w'ico gihugu ya 2016.

Umupfasoni Omar nawe yishuye kuri Twitter asubiramwo amajambo ari mu cese (canke umuvugo mu Kinyarwanda) ca Maya Angelou citwa Still I Rise aho agira ati: "Murashobora kunyicisha amajambo yanyu…Ariko nk'umuyaga, nzobaho".

Kubera iki habaye ukugerageza kubogoza Trump?

Bwana Trump yatanguye gutyoza abo bagore mu mpera z'indwi iheze, aho yandika kuri Twitter abwira abanyapolitike atadomyeko urutoke ko "basubira" mu bihugu vyabo. Abo bashingamateka bose b'abagore ni Abanyamerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapfasoni Alexandria Ocasio-Cortez, Ilhan Omar, Ayanna Pressley na Rashida Tlaib bifatiwe mu gahanga na Trump

Ayo majambo yariyamirijwe cane, aho yavugwa ko ari ayo gucanishamwo, inama nshingamateka yiganziwe n'aba démocrates nayo ikemeza urwandiko rwiyamiriza ivyavuzwe na Bwana Trump ko ari "amajambo y'amacakubiri yatumye haba ubwoba n'urwanko ku Banyamerika bashasha n'abatari abazungu".

Bwana Trump wewe yanditse avuga ko "ata gufa afise ry'amacakubiri" mu mubiri wiwe.

Ku ruhande rwiwe, Bwana Green yibaza ko kwankisha uyo mukuru w'igihugu vyari gutuma ashigikirwa.

Muri iyo nteguro, yavuga ko Bwana Trump "yateje urubwa, isoni kandi yankishije ibiro vy'umukuru w'igihugu".

None yananiwe gute?

Abarongoye umugambwe w'aba démocrates gushika ubu baranse gutanguza ibikorwa vy'ukumubogoza.

Nancy Pelosi arongoye inama nshingamateka abandanya avuga ko adashima gufata iyo ngingo mu gihe ata "vyagiriji bikomeye" biraregwa Bwana Trump.

Yabwiye abanyamakuru ejo ku wa gatatu ati: "Dufise komite zitandatu zibandanya zihweza ibintu, cane cane ibijanye n'ugukoresha ububasha afise mu gukora amakosa, kwinjirira ubutungane hamwe n'ibindi umukuru w'igihugu yoba yarakoze. Iyo niyo nzira nyamukuru turimwo".

Mu matora yabaye, abashingamateka 332 barayihakanye, 95 gusa bakaba ari bo bayemeje.

N'aho biri uko ico gitigiri c'abashigikiye Bwana Green mu mugambi wo kubogoza Perezida Trump cariyongereye ugereranije n'igihe yaheruka kubigerageza mu myaka ya 2017 na 2018.

Mbega kubogoza hoho bisigura iki?

Hano, ibogozwa ritanguzwa n'ukwegeranya ibirego mu nama nshingamateka bishobora kuvamwo urubanza rubera muri Sénat, rugashobora gutuma abogozwa.

Ibwirizwashingiro rya Amerika rivuga ko umukuru w'igihugu "ashobora kubogozwa mu gihe yahemukiye igihugu, yariye ibiturire, canke mu gihe yakoze ibindi vyaha vy'agahomerabunwa canke vy'ukugira inyifato itabereye".