Musa Bility yahagaritswe na FIFA imyaka 10 acibwa n'amande

Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Musa Bility yahoze ayobora ishirahamwe ry' umupira w'amaguru rya liberia LFA

FIFA yahagaritse umuyobozi nshingwabikorwa wa CAF, imurega amakosa arimwo gukoresha nabi amafranga n'igihagararo ciwe mw'ishirahamwe.

Umuyobozi nshingwabikorwa w'urunani rw'amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afrika -CAF yahagaritswe imyaka icumi acibwa amande y'ama dorari ibihumbi amajana atanu ($500,000) n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA.

Musa Bility yahanywe kubera kurenga ku mategeko no kugira inyifato idahuye n'akarangamutima urwego abereye umuyobozi rugenderako.

FIFA yasanze uwo yahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Liberia, ", mu maakosa yakoze harimwo kwigarurira amafranga avuye mu kigega ca FIFA, kwikwegerako inyungu no gukoresha abo bafitanye ubucuti bwa hafi, ku buryo bushobora kubangamira akazi".

Kuva mu mwaka wa 2018, FIFA imenyesha ko yakoze amatohoza kuri uwo mugabo w'imyaka 52, igihe yari amaze gukorerwa isuzuma n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'igihugu ciwe -LFA, kw'ikoreshwa ry'amafranga.

Amafranga aregwa kwigarurira yavuye ku yari yagenewe isekeza ryo kurwanya Ebola " 11 against Ebola" hamwe n'igice c'amafranga y'umugambi wo kurishigikira.

Liberia ni kimwe mu bihugu bitatu vyo muri Afrika vyahuye n'ikiza ca Ebola hagati y'imyaka ya 2013 na 2016, aho abantu barenga ibihumbi icumi bahasize ubuzima.

Mw'itangazo ryayo, FIFA yavuze ko hari n'ayandi mafranga yarishwe mu mice kwinshi n'ishirahamwe LFA, yagiye mu bigo vyegukira bwana Bility canke bifise aho bihuriye nawe canke umuryango wiwe.

Igihano ciwe gitangurana n'uyu wa gatatu nk'uko iryo tangazo ribivuga.

Iki gihano ca bwana Bility, kije mu gihe yaheruka kurega FIFA na CAF muri sentare ijejwe gutatura amatita afatiye ku nkino.

Avuga ko atanezerejwe n'ico yise "amasezerano yo gukorana" hagati ya CAF na FIFA, agashaka ko "aseswa ata kindi kirinze gusabwa".

Muri aya masezerano mashasha, umunyamabanga mukuru wa FIFA Fatma Samoura, azokorana na CAF nk'intumwa nkuru ya Afrika.

Uwo munya Senegalekazi akazotangura mu mabanga yiwe kw'itariki ya mbere y'ukwezi kuza.

Mu nama y'abayobozi nshingwabikorwa ba CAF iheruka i Cairo mu ndwi iheze, Bility niwe wenyene atemeye uwo mugambi.

Yemeza ko uteye kubiri n'amategeko ya CAF hamwe n'aya FIFA.

Ibindi kuri iyi nkuru