Burundi: Umurwi nserukira gihugu uriko uratana mu mitwe n’iyindi ya Afrika

Volleyball, inkino, CAN, Tunisia, Intamba, Burundi, Rukinzo, Amical, CAVB, FIVB
Image caption Umurwi nserukira gihugu w'u Burundi

Inyuma y'imyaka ine utaja mu mahiganwa mpuza makungu, uwo murwi wa volleyball w'abagabo washitse mu yindi 10 ihiganira mu gihugu ca Tunisia.

Umurwi nserukira gihugu w'u Burundi waratsinzwe mu nkino zitatu umaze gukina gushika kuwa gatatu italiki 24.

Igihugu ca Cameroun catsinze u Burundi iseti 3-0.

Uko nyene niko Misiri yari yabutsinze, mu rukino rwabwo rwa mbere.

"Iwacu nta bihebeye uru rukino nk'uko abo duhiganwa dusanga harimwo n'abatunzwe narwo", uko umwe mu bakinyi yabwiye BBC.

Mur'aba Barundi, uretse abakiri abanyeshure, abandi batunzwe n'ivyo banonosoye muri kaminuza, ubuganga, ubutunzi n'ibindi.

Umwe mu bahoze bamenyereza uwo murwi asanga ukudakunda gukina n'imirwi yo mu bindi bihugu, bituma batiga ubundi buhinga.

Uno yabwiye BBC ati, "Ndabiravye kandi, u Burundi ntituri mu gice c'imirwi 'Pool B' coroshe na gato".

Imirwi imwe imwe yazanye abasanzwe bakinira imirwi yo muri za Bulaya.

Yongeye ati, "Kuba twashitse mw'ihiganwa nk'iri ni iteka ku bakinyi no ku gihugu, uretse ko bahigira vyinshi".

Mur'izi nkino za volleyball z'imirwi nserukira bihugu ya Afrika ku bagabo uyu mwaka 2019,

mu karere ka Afrika y'ibiyaga binini haserutse umurwi w'u Burundi n'uwa Kongo -Kinshasa-.

Image caption Umurwi wa Volleyball w'u Burundi

Mu mirwi 10 nserukira bihugu iri mur'iri higanwa, u Burundi buri kumwe na Misiri, Cameroun, Maroc na Congo-Brazzaville.

Aba basore 14 baserukiye u Burundi baremeza ko naho urugendo rwababereye rurerure gushika muri Tunisia, bakiranywe iteka kandi bafashwe neza.

Umurwi nserukira gihugu w'u Burundi waheruka gusohoka mu 2015.

Izi nkino zatanguye kuwa mbere italiki 22 z'ukw'indwi, zizosozerwa kuwa Mungu italiki 28.