Facebook yaciwe amande ya miriyaridi zitanu z'ama dorari

Facebook Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Facebook

Facebook yaciwe amande ya miriyaridi zitanu mu ntumbero yo guhindura umuco wayo no kugabanya impungenge z'uko ico kigo gishobora kubandanya kudasonera ubuzima bwite bw'abanywanyi b'urwo rubuga.

Ico kigo cavuze ko amakuru yaco ku gikoresho kigaragaza uburyo amanomero ya telefone yakoreshejwe, yayobeje abantu baharurwa muri za miliyoni 87.

Uretse gutanga ayo mande, Facebook itegrezwa gushiraho akanama kigenga katazogenzurwa n'umuyobozi mukuru wa Facebook- Mark Zuckerberg.

None Fcebook yakoresheje gute amabanga y'abanywanyi?

Hafi abantu 305 000 nibo bemeye gukoresha utwo twuma, ariko habuwe abashika miliyoni 87.
BBC
Facebook

Facebook irungika ubutumwa ku banywanyi, ibamenyesha nimba inyishu bayihaye zarakoreshejwe muvyo bitagenewe.

  • 5$Miliayari y'amande

    Isoko: BBC

    Facebook iciwe amande inyuma y'iperereza ryagaragaje ko yakoresheje nabi amakuru y'abakoresha urwo rubuga.

    Umugwi ushinzwe ubudandaji ku rwego rw'igihugu muri Leta zunze Ubumwe za Amerika - FTC, watanguye amatohoza kuri Facebook mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze.

    Ico gihe wagaragaje ko amabanga y'abakoresha urubuga rwa Facebook yegeranijwe mu buryo budaciye mu mategeko biciye mu kubazwa ibibazo biberekeye, agahabwa ikigo Cambridge Analytica, cunganira mu bibazo vya politike.

    Cambridge Analytica ivuga ko ataho ibona yakosheje, ariko Facebook yasavye imbabazi abanywanyi bayo, yemera ko yakoze amakosa atuma bayitera icizere.

    Ikigo Cambridge Analytica sico conyene cakoresheje amakuru y'abanywanyi ba Facebook, hari n'ibindi bigo bishobora kuba vyarayashikiriye ariko ntibimenyekane.

    Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
    Image caption Mark Zukerberg

    Hari n'amakuru avuga ko ayo makuru yegeranijwe ku bantu barwiriyemwo Abanyamerika, batabizi, yoba yarakorehejwe mu gihe c'amatora yo mu 2016, no muri kamarampaka y'Ubwongereza yo kuva mw'ishirahamwe rya Bulaya - Brexit.

    Ico kigo kivuga ko uko amezi atatu ashize, kizohora kigenzura nimba ibikoresho bishinzwe guhisha amabanga bizoba bikora neza.

    Ayo mande niyo gitigiri ca mbere kinini c'amafaranga caciwe ikigo gishinzwe ikoranabuhanga.

    Ariko ntaco ayo mafranga azohungabanya cane ku nyungu Facebook isanzwe ironka.

    Itohoza ryaranguwe gushika no kwikoreshwa ry'uburyo butuma za terefone zimenya isura y'umuntu bwitwa "facial recognition".

    Hari abibaza ko guha igihano nk'iki Facebook bishobora gufasha kwihaniza n'ibindi bigo vyose vyoba bifise agatima ko gukoresha ukutariko amakuru yegeranijwe ava mu banywanyi, kuko bishobora kuzana ingaruka zikomeye kuri ivyo bigo.

    Harashize imyaka, imbuga za interineti n'ayandi ma porogarama (Applications -Apps) yabura amakuru y'abantu agakoreshwa mu buryo budahuye n'amategeko.

    Mu gihe ibi rero bishobora kubandanya n'ubwo bazokomeza kubirwanya, bishobora ahubwo gutera vyiyongera.

    Ariko hari n'abibaza ko FTC yari ikwiye gukora ibisumba ivyo.

    Umwe muri bo ni Alex Stamos, yigeze kuba umukuru wa Facebook mu biraba umutekano, we yibaza ko ari Facebook izohungukira.

    Kuko ngo mu kubuza guhanahana amakuru y'abanywanyi hagati y'imbuga canke ibigo bikoreshwa, bishobora gutuma Facebook yigungirako abanyayi bayo bagera kuri miliyaridi zibiri na miriyoni amajana ane, aho kubareka bagashikira izindi Apps canke imbuga zihiganwa na Facebook.

    Ibindi bisa n’ibi

    Ibindi kuri iyi nkuru