Nta ruhusha rwo kuja i Mecca ku bava muri D R Congo

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Impome zizengurutse ikibuye bita Kaaba mu kibanza ca Grand Mosque

Arabia Saudite yafashe ingingo yo kutazotanga impusha zo kwinjira muri ico gihugu ku baturuka muri Republika ya Demokarasi ya Congo baja mu mutambagiro mutagatifu.

Itangazo ryaturutse mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Arabia Saudite, rimenyesha ko ingingo yo kutemerera abanye Congo kuja i Mecca, yaturutse ku cemezo giheruka gufatwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS, ko ikiza ca Ebola cahadutse ari ikibazo giteye amakenga kw'isi yose.

Mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Arabia Saudite bagira bati:

"Gutanga impusha zo kwinjira bita visas, ku banye Congo vyahagaritswe, mu ntumbero yo gukingira abandi bari mu rugendo rutagatifu".

Arabia Saudite yari yamenyesheje ubwa mbere ko abantu bagera ku 410 baturuka muri ico gihugu bashobora kuja mu rugendo rutagatifu, nk'uko umwe mu bategetsi b'idini rya Islamu muri Congo yabibwiye BBC.

Yavuze ko hari abantu bamaze igihe bitegura, akenshi bashobora kumara n'imyaka 10, kugira bashobore kwegeranya amadorari 4,250 abashoboza gukora urwo rugendo rutagatifu.

Ibindi bijanye n'iyi nkuru :

Urugendo rwa Hajj rwatangiye

Abarenga 700 basize ubuzima muri Hajj

Arabie Séoudite yigije inyuma igitero cari kigenewe umusigiti wa Mecca

OMS yatangaje ko ikiza ca Ebola ari ikibazo giteye umwitwarariko ku rwego mpuzamakungu kuva kw'itariki 17 z'uku kwezi, ariko isaba ibihugu kutaca bifata ingingo yo kwugara imbibe.

Ibindi kuri iyi nkuru