Sudan yugaye amashure inyuma y’ubwicanyi bwakorewe abanyeshure

Ubwicanyi bwo mu karere ka El-Obeid bwashavuye abatari bake Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwicanyi bwo mu karere ka El-Obeid bwashavuye abatari bake

Ivyigwa mu mashure yose ya Sudani vyahagaritswe mu kiringo kitazwi bivuye ku myiyerekano yo kwiyamirizwa iyicwa ry'abana b'abanyeshure bari mu myiyerekano ku munsi wa mbere.

Abantu batanu barishwe muri leta ya Kordofan iri mu buraruko bwa Sudani, bane muri bo bakaba ari abana b'abanyeshure.

Abandi baharurwa mu mirongo bakomerekejwe inyuma y'aho abitwaje ibirwanisho barasiye abari mu myiyerekano mu karere ka El-Obeid biyamiriza ikena ry'igitoro n'umukate.

Ejo ku wa kabiri, abanyeshure amajana n'amajana, abenshi bambaye umwambaro ubaranga, barihaye amabarabara bafise amabendera y'igihugu mu gisagara ca Khartoum no mu bindi bisagara, biyamiriza ubwo bwicanyi.

Ikinyamakuru ca leta kimenyesha ko ku mugoroba w'uyo munsi, abategetsi ba gisirikare bategetse ko amashure yose yo mu gihugu yugarwa kuva kuri uyu wa gatatu.

Itororokanirizo ry'amakuru Suna ryanditse riti: "Abarongoye amaleta yose basohoye amategeko yo kwugara amashure y'irerero, amashure y'intango be n'amashure yisumbuye kuva ejo (uno munsi) gushika hafaswe iyindi ngingo".

Abategetsi kandi bashinze amategeko adasanzwe muri ako karere, banahagarika uruja n'uruza rwo mw'ijoro.

Ishirahamwe Unicef ryitaho ibibondo risaba abategetsi gukora amatohoza kuri ubwo bwicanyi bongere barengutse ababukoze.

Mw'itangazo ryasohoye rivuga ko abishwe bari hagati y'imyaka 15 na 17, ryongera rivuga riti "nta mwana akwiye guhambwa ari mu nyambaro y'ishure".

Umukuru w'umurwi wa gisirikare urongoye igihugu, Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, ariyamiriza ubwo bwicanyi.

Televiziyo y'igihugu yasubiyemwo amajambo yiwe avuga ati: "Kwica abanyagihugu bitekaniye ni icaha kidashobora kwihanganirwa, kandi ababikoze bategerezwa kumenyekana vuba cane".

Ubwo bwicanyi bwabaye hasigaye umunsi umwe ngo habe umubonano hagati y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi be n'abategetsi ba gisirikare, inyuma y'amasezerano yashizweko igikumu mu ntango z'uku kwezi kw'indwi.

Inyuma y'ubwo bwicanyi, abatavuga rumwe n'ubutegetsi baciye bahagarika uwo mubonano.

Ibindi bisa n’ibi