Ingoro za CNL mu Burundi zikomeje gusigwa amazirantoke gusenywa cyangwa gutwikwa

Ingoro ya zone Gatete yari yitezwe kwugururwa icese kw'igenekerezo rya 03 z'ukwezi kuza kw'umunani. Uwufise ububasha kw’isanamu BurundiCnl
Image caption Ingoro ya zone Gatete yari yitezwe kwugururwa icese kw'igenekerezo rya 03 z'ukwezi kuza kw'umunani.

Muri iri joro ryo ku wa kabiri rishira uwa gatatu, ingoro y'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi CNL muri zone Gatete y'intara na komine Rumonge yaraye itewe n'abantu bataramenyekana barayiturira.

Iyi ni inzu y'uyu mugambwe igira iya cumi ikorewe itwitswe, ibomowe cyangwa igasigwa amazirantoke nk'uko bivugwa na Terence Manirambona ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo mugambwe ku rwego rw'igihugu.

Avuga ko ikibabaje ari uko mu gihugu kirimo inzego nyinshi zishinzwe umutekano kuva ibikogwa nk'ibi bitanguye ata n'umwe arashobora gufatwa ngo abibazwe.

BBC yagerageje kuvugana n'abategetsi b'Uburundi uri ibi bikorerwa umugambwe CNL ariko ntaco bashikirije.

Bwana Manirambona avuga ko ibi atari ubugizi bwa nabi busanzwe kuko ivyaraye bibaye biri mu yandi mabi uwo mugambwe ugize iminsi ukorerwa mu ntara nka za Bubanza, Bujumbura,Cibitoke, Ngozi na Rumonge.

Agira ati: "Nko gusiga amazirantoke ku biro vyacu ni ibintu birenze ibitekerezo...Biragoye gutahura ingene mu migambwe irenga 30 usanga CNL ariwo mugambwe wonyene ukorerwa ivyo".

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundicnl
Image caption Abayoboke b'ishyaka CNL imbere y'ibiro by'ishyaka ryabo biheruka kubomorwa mu Rumonge

Bwana Manirambona avuga ko mu turere tumwe tumwe hari abajejwe intwaro bavuga ko umugambwe CNL udashobora kwemererwa gukorerayo.

Ati: "Ivyo bituma twibaza nimba ata sano riri hagati y'ivyo bintu canke nimba batoba bakingira ikibaba abakora ayo mabi".

Ingoro yaraye ituriwe yari yitezwe kwugururwa icese kw'igenekerezo rya 03 z'ukwezi kuza kw'umunani.

Muri iyo ntara ya Rumonge hagize iminsi hibonekeza inyubakwa z'uwo mugambwe zibomorwa, izindi nazo zigasigwa amazirantoke, mu minsi itarenze indwi inyubakwa zine(4) zikaba zimaze kwononwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundicnl
Image caption CNL ivuga ko ibi ari ibiro byayo byasizwe amazirantoke

Mu ntangiriro z'uku kwezi, umurwi ujejwe agateka ka zina muntu w'ishirahamwe ONU wakoze amatohoza mu Burundi, wavuze ko wabonye ibikorwa 'bibi cane' byibasira abatavuga rumwe n'ubutegetsi bihonyaganga agateka ka zina muntu mu Burundi, mu gihe ico gihugu citegurira amatora yo mu mwaka uza wa 2020.

Uwuserukira Uburundi muri uwo murwi wa ONU i Geneva yavuze ko ibivugwa n'uyu mugwi "bigamije gutyoza igihugu" kandi ko ari "icegeranyo c'ibinyoma".

Ibindi bisa n’ibi