Burundi, "Abavuga ivy'ibiganiro bashaka kudusubiza inyuma"
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Gaston Sindimwo: "Abavuga ivy'ibiganiro bashaka kudusubiza inyuma"

Leta y'Uburundi ivuga ko umugambwe utavuga rumwe nayo CDP wari warahagaritswe gukorera ku mugaragaro mu 2015 'wakwije ivyo wari wasabwe' kugira ngo wemererwe gusubira gukora.

Mu itangazo ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buherutse gusohora, bwamenyesheje ko uwo mugambwe watanze ivyegeranyo vy'ibikorwa vyarongowe n'inzego zawo.

Ariko benshi bagumye bibaza igituma ariwo mugambwe wonyene mu yahagaritswe wemerewe gukora, mu gihe hari myinshi ikiri inyuma y'igihugu.

Mu kiganiro Visi Perezida wa Mbere w'uburundi, Gaston Sindimwo, akaba ari nawe ajejwe ibibazo vya politike, yahaye BBC Gahuzamiryango, Marc Niyonkuru yamubajije ivyatumye umugambwe CDP wemererwa gukorera ku mugaragaro.