Ingabo z'u Burundi muri AMISOM zashikirije ikirindiro ca Warshik ingabo za Somalia

Ingabo z'Uburundi zagiye gufasha kugarukana amahoro muri Somalia, zashikirije ikirindiro ca Warshik ingabo za Somalia ku munsi wa mbere w'iyi ndwi.
Ivyo vyakozwe mu ntumbero y'ugushira mu ngiro integuro yerekeye ugushira mu minwe y'ingabo za Somalia ibikorwa vyose vyerekeye umutekano.
Vyavaye hari icegera c'uwurongoye ingabo za AMISOM, uwurongoye umurwi w'ingabo z'Uburundi ugira 12, hamwe n'icegera c'umushikiranganji w'umutekano mu ntara ya Hirshabelle mu bumanuko bwa Somalia.
- Al-Shabab yagabye igitero ku ngabo z’u Burundi muri AMISOM
- Igisirikare ca Amerika cishe abagwanyi batandatu ba al-Shabab
- Uwahoze muri Al Shabab yankiwe kwitoza muri Somalia
Uburundi nico gihugu kigira kabiri - inyuma ya Uganda - carungitse ingabo muri AMISOM, zigera kuri 5,432 ariko abashika 1000 bakaba baherutse gutahanwa mu ntumbero y'ugushira mu ngiro umugambi w'ugukura AMISOM muri Somalia.
Aba bagiye gufasha leta ya Somalia isanzwe ihanganye n'umurwi w'abarwanyi ba Al-Shabaab bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya ki isilamu.
Vyitezwe ko mu mwaka wa 2021 ingabo za AMISOM zizovanwa muri Somalia.
Ku wa 30 z'ukwa kane 2018, akanama kajejwe amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika AU, karemeje integuro y'ugushira mu minwe ya leta ya Somalia ibijanye n'ugucungera umutekano.