Zambia yahagaritse urukino rwa kivandimwe na Afrika y’Epfo kubera ibitero ku banyamahanga

Urukino rwa kivandimwe rwoyihuje na Afrika y'Epfo muri Zambia kuri uyu wa gatandatu rwahagaritswe bisabwe n'abakunzi ba Chipolopolo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urukino rwa kivandimwe rwoyihuje na Afrika y'Epfo muri Zambia kuri uyu wa gatandatu rwahagaritswe bisabwe n'abakunzi ba Chipolopolo

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Zambia (FAZ) ryahagaritse urukino rwa kivandimwe rwoyihuje na Afrika y'Epfo kuri uyu wa gatandatu ku mugwa mukuru Lusaka.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y'ibitero vyakozwe ku banyamahanga mu gihugu ca Afrika y'Epfo.

Abanyagihugu ba Zambia baciye ku mbuga hwaniro barasavye ko iryo shirahamwe FAZ rihagarika urukino hagati ya Chipolopolo na Bafana Bafana nk'ukwerekana akababaro.

Umukuru wa FAZ Adrian Kashala yemeje iyo ngingo, yongera ko y'uko urwo rukino rwungururijwe ku rindi genekerezo ritamenyekanye, inyuma y'aho babonaniye n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika y'Epfo, SAFA.

Muri uwo mwanya nyene, leta ya Zambia yahanuye abadereva b'amakamyo ko bohagarika ingendo zabo muri Afrika y'Epfo gushika umutekano ugarutse muri ico gihugu.

Umushikiranganji w'ukwunguruza abantu n'ibintu, Mutotwe Kafwaya, yasavye abadereva basanzwe bari muri Afrika y'Epfo ko bobika amamodoka yabo ahantu hatekanye gushika umutekano ugarutse.

Ivyo bitero ku banyamahanga vyasubiye kwiyongera vyatumye amaduka y'abanyamahanga asahurwa urukombamazi, amamodoka araturirwa, eka n'amakamyo yagendeshwa n'abanyamahanga araterwa.

Eka n'ishirahamwe rijejwe iterambere rihuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y'Ubumanuko, SADC, ririyamiriza ivyo bitero.

Aciye ku rubuga rwa Twitter, umunyamabanga nshingwabikorwa w'iryo shirahamwe, Stergomena Tax, avuga ko SADC iteye ivyatsi ubwo bukozi bw'ikibi butagira izina bukorerwa abanyamahanga muri Afrika y'Epfo, agasaba ko ico kibazo cotorerwa inyishu irama.

Ibindi bisa n’ibi