Kurandura malaria burundu – intumbero ya hafi ya OMS

Umubu w'ingore niwo ukwiragiza imigera ya malaria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umubu w'ingore niwo ukwiragiza imigera ya malaria

Icegeranyo c'ishirahamwe OMS kivuga ko hari icizere ko isi ishobora kwiganzura malaria - imwe mu ndwara zimaze igihe kirekire kandi ziha inkumbi - mu kiringo kitari kure.

Buri mwaka, abarenga imiliyoni 200 barandura malaria, indwara yica cane cane abana bakiri bato.

Ihitana abantu barenga 435.000 ku mwaka, abenshi bakaba ari abana.

Mu Burundi igisata ca ONU kijejwe ubutabazi, OCHA, kivuga ko abantu imiliyoni zitanu n'ibihumbi amajana indwi banduye malariya muri uno mwaka, igitigiri kingana hafi igice c'abanyagihugu bose muri ico gihugu.

Muri abo bantu bose, abangana 1801 barahitanywe n'iyo ndwara iterwa n'umubu kuva mu kwezi kwa mbere gushika ku wa 21 z'ukw'indwi.

Ico cegeranyo kivuga ko kurandurana n'imizi malaria itakiri indoto ya kure, n'aho gukuraho umugera uyitera bishobora gusaba imiliyaridi zishika zibiri ziyongera ku mafaranga akoreshwa ku mwaka.

None ibintu bigeze he?

Abahinga bavuga ko kurandurana n'imizi malaria ari yo "ntumbero nyamukuru".

Isi iramaze gutera intambwe itari nto mu kurwanya iyo ndwara.

Kuva mu 2000:

  • Ibihugu bikarirwa na malaria vyaragabanutse biva kuri 106 ubu bikaba ari 86
  • Iyo ndwara yaragabanutse gushika ku bice 36%
  • Abahitanwa n'iyo ndwara baragabanutse gushika ku bice 60%

Ibi vyatumwe n'uko uburyo bw'ukwikingira imibu bwakwiragiye, nk'akarorero gukoresha imisegetera irimwo umuti, hamwe n'imiti ikomeye y'ukuvura abafashwe n'iyo ndwara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kuryama mu musegetera urimwo umuti bituma imibu itakurya mw'ijoro

Hagati aho, Dr Winnie Mpanju-Shumbusho, umwe mu bakoze ico cegeranyo akomoka muri Tanzania, avuga ati: "N'aho hari intambwe ishimishije, malaria ibandanya kuba intambamyi kw'iterambere".

"Ivyo biribonekeza cane muri Afurika, aho ibihugu bitanu gusa vyikoreye hafi igice c'abarwaye malaria kw'isi".

Kubera iki ico cegeranyo gikomeye?

Ari nka hamwe malaria yoshobora kurwanywa burundu kw'isi, yoba ari intambwe y'akataraboneka.

Ico cegeranyo casabwe n'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, mu myaka itatu iheze kugira ngo bihweze ingene vyogenda n'uburyo bukenewe.

Abahinga karuhariwe mu biraba malaria n'abo mu butunzi, bashitse ku cegeranyo ko ivyo bishoboka gushika mu mwaka wa 2050.

Ico cegeranyo casohotse mu kinyamakuru c'ubushakashatsi mu vy'amagara y'abantu ca Lancet, kivugwa ko ari co ca mbere kibayeho muri urwo rwego.

Sir Richard Feachem, umwe muri abo bashakashatsi, avuga ati: "Kuva kera, kurwanya malaria burundu yamye ari indoto ya kure, ariko ubu turafise ivyemezo ko ishobora kandi itegerezwa kuba yaranduranywe n'imizi gushika mu 2050".

Hagati aho, aragabisha ko ivyo bizosaba "ingingo zikomeye" kugira ngo iyo ntumbero ishikweko.

None bizosaba iki?

Muri ico cegeranyo, niho abahinga bavuga ko baravye ingene ibintu bimeze ubu, "igice kinini ku isi kizoba cariganzuye malaria" imbere ya 2050.

Hagari aho, hazokwibonekeza akarere malaria izobandanya yigira ndanse muri Afrika, kava muri Senegali mu buraruko bushira uburengerazuba, gushika muri Mozambike mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Afrika.

Ico cegeranyo kivuga ko kugira ngo malaria izobe yaranduranywe n'imizi gushika mu 2050, bizosaba ko ubuhinga busanzwe buriho ubu bukoreshwa neza gusumba, kandi hagatorwa n'ubundi buryo bushasha.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urucanco rwa malaria rwatanguye kugeragezwa rushobora gufasha mu kurwanya malaria

Ubwo buhinga buriko bwiyumvirwako ni ubuzotuma imibu idashobora kurondoka bigatuma igabanuka mu bwinshi, canke bugatuma itagira ubushobozi bwo gukwiragiza iyo migera.

None bizotwara ikiguzi kingana gute?

Ico cegeranyo kivuga ko gushika ubu, amafaranga akoreshwa kuri malaria arenga gato imiliyaridi 4.3 z'amadolari buri mwaka.

Hazokenerwa izindi miliyaridi zibiri z'amadolari buri mwaka kugira ngo isi ishobore kwiganzura malaria gushika mu 2050.

Ico cegeranyo kivuga ko kuronka ayo mahera yiyongerako ari "ikintu kitoroshe". Hagati aho kivuga ko kwiganzura malaria bizogira ingaruka nziza ku mibereho n'ubutunzi bw'ibihugu "gusumba kure n'iyo ayo mahera akenewe".

Umukuru wa OMS, Dr Tedros Ghebreyesus, ati: "Kurwanya malaria ni imwe mu ntumbero y'inzego zijejwe amagara y'abantu kw'isi mu kiringo c'ikinjana cose, ariko biboneka ko kikiri mu bibazo ngorabahizi gushika ubu".

Aremera ko malaria idashobora kurwanywa ngo ihere hagikoreshwa uburyo busanzwe buhari, na rirya avuga ko nka bwose ari ubwatanguye gukoreshwa mu kinjana giheze canke imbere y'aho.